Isura 13

2 Igisimba nabwenye carigisana na muyaga. Ibirenge byaco byari bisana n'idubu, n'akanwa kaco kari gasana n'akanwa k'intare. Ca kiyoka kigiha ingufu n'intebe yaco y'ubwami, n'ubutware bwinshi. 3 Nabwenye umwe mu mitwe gusana n'ugwakomeretse cane byo gupfa. Ariko igisebe caco kirakira. Isi yose iratangara, maze abantu bagenda hanyuma y'ico gisimba. 4 Ico kiyoka kubera ko cari cahaye ubutware ico gisimba, barakiramya bari kugamba ngo : " Ni nde usana n'igisimba; ni nde wopima kukirwanya ? 5 Nuko gihabwa akanwa ko kugamba amagambo go kwirata kandi go gutuka Imana; kandi gihabwa ubushobozi bwo gukora amezi mirongo ine n'abiri. 6 Nuko gifungura akanwa gaco kugirango kagambe amagambo go gutuka Imana, kugirango batuke izina ryayo, n'inzu yayo n'abatuye mu juru. 7 Gihabwa kurwanya intungane no kuzitsinda, gihabwa ubushobozi hejuru y'ubwoko bwose, abantu bose, ururimi rwose n'igihugo. 8 Kandi abatuye isi bakakiramye, abo amazina gabo gatageze kwandikwa mu gitabo c'ubuzima c'Umwana w'intama watanzwe ho igitambo guturuka ukuremwa kw'isi. 9 Niba hariho ufite amatwi, ni yumve. 10 Niba hariho uwateguwe kujanwa ku ngufu nk'umunyago, nawe azakajanwe ho iminyago. Niba hariho uwicisha inkota nawe akicwe n'inkota. Aha n'ukwiyumanganya no kwizera kw'abatunganye. 11 Nyuma nabwenye ikindi gisimba kiri gutarama, gifite amahembe abiri gasana n'Umwana w'intama, kandi cagambaga nka ca kiyoka. 12 Cakoreshaga ubutware busana n'ubwa ca gisimba ca mbere, kiri imbere zaco, kandi catumaga isi n'abayituye baramya ca gisimba cari cakize ca gisebe cari kigomba kucica. 13 Cakoraga ibitangaza bikomeye, kugezaho camanuraga umuriro guturutse mu juru ngo guze mu si, abantu barikureba. 14 Cahabije abatuye isi gikoresheje ibitangaza byatumaga kibikorera hambere y'ico gisimba, cabwiraga abatuye isi gukora isura ya ca gisimba cari gifite igisebe c'inkota kandi cari gifite ubuzima. 15 Kandi cahewe guha iyo sura y'igisimba kugirango rigambe no kugira ngo abatararamije isura y'ico gisimba bicwe. 16 Nuko gikora k'uburyo bwose, abakuru n'abatoya, abakire n'abakene, abantu batari mu pirizo cangwa imbata, bahewe ikimenyetso ku kiganza cangwa ku mpanga. 17 No kuba nta washoboraga kugura cangwa kugurisha nta kashe cangwa izina ry'igisimba cangwa umubare gw'izina ryaco.