Isura 12

1 Habonekaho ikashe nini mu juru: " ndeba umugore wiyorogoshe izuba, ukwezi kwari kuri musi y'ibirenge bye, kandi ishapo y'inyenyeri yari k'umutwe gwe. Yari ahekire inda . 2 Kandi yari arigutaka, yenda kubyara kandi inda irikumurya. 3 Ikindi kimenyetso congera kuboneka mu juru; reba, cari kiri ikiyoka c'urutuku, gifite ibihanga birindwi n'amahembe icumi, no ku mitwe amashapo g'icubahiro. 4 Umurizo gwaco gwakururaga kimwe ca gatatu c'inyenyeri zo mu juru, kikagogomere mu si. Ico kiyoka cari gihagaze hambere y'uwo mugore wari wenda kubyara, kurindiriye kumira bunguri umwana we, amarire kuvuka. 5 Yazeye umwana w'umuhungu, ugomba kuragira amahanga gose agaragije inkoni y'icuma. Nuko aganishwa ku Imana no ku ntebe yayo y'ubwami. 6 Uwo mugore yahungiye mu butayu, ahantu hari hateguwe n'Imana, kugira ngo arishwe mu misi igihumbi na magana abiri na mirongo itandatu. 7 Maze habayeho indwano mu juru. Mikaile n'abamalaika be barwanya ico kiyoka. Nuko ico kiyoka n'abamalaika baco bararwana. 8 Ariko ntaho batsinze kandi icicaro cabo ntaho congeye kuboneka mu juru. 9 Nuko ico kiyoka kinini ariyo nzoka yo ha kera, yitwa umushukanyi na Shetani, yayindi yayobeje isi yose, kijugunywa ku si, n'abamalaika baco bajugunywa hamwe naco. 11 Bamutsindishije amaraso g'Umwana w'Intama kubera igambo ry'ubuhamya bwabo, kandi ntabwo bakunze ubuzima bwabo kugez'aho barigutinya urupfu. 12 Kubera iyo mpamvu, mwishime mwa juru mwe, namwe abatuye mu majuru. Isi ibonye ishano n'ingezi kuko wa mushukanyi ateremutse arikuyija kubasanga (aje iwanyu) afite umujinya kangari, kuko azi ko afite igihe gikeya. 13 Igihe ico kiyoka cabwenye ko cajugunywe ku si, gikurikira wa mugore wari amarire kubyara umwana w'umuhungu. 14 Kandi Imana yamuheye amababa abiri ya ca kinyoni kinini uwo mugore kugira ngo aguruke agende m'ubutayu, ha handi akahabwe ibiryo igihe, na kimwe ca kabiri c'igihe, kure y'amaso g'inzoka, aho ico kiyoka kidashobweye kumushikira. 15 Kuva mu kanwa kayo, inzoka yamennye ingezi y'amazi hanyuma ya wa mugore ngo atembanwe n'urwo ruzi. 16 Nuko isi iyamba wa mugore nuko ifungura akanwa kayo maze imira rwa ruzi ikiyoka cari cikeyeho kuva mu kanwa kaco. 17 Nuko ca kiyoka kirakarira uwo mugore, kigenda kumurwanya, kandi kirwanya abasigeye b'urubyaro rwe, abakiri kwitondera amategeko g'Imana kandi bagifite ubuhamya bwa Yesu. 18 Nuko ca kiyoka gihagarara ku mushike gw'ingezi.