1 Hanyuma yivyo halih' umusi mukulu w' Abhayuda maze Yes' adug' Iyerusalemu. 2 Kand' Iyerusalemu kw' ilembho dy' intama halih' ilibha dyitwa mugihebhulayo ngo Betizata kandi dyali lifis' ibhibha~mbhasi bhitanu. 3 Abhagwayi bhenshi hamwe n' impumyi, ibhimuga n' abhahetamye bhali bhadyamye mw' ivyo bhibha~mbhasi. (Menya: Amajambho y' umulongo wa 3 ntiwoyabhona mu nyandiko nziza za kela; ngo ''Bhalindiliy' amaz' adubhagulika''. ) Kuko hal' igihe lunaka Umumalayika yamanuka mwidyo libha akayadubhagula. 4 Maz' udya yabh' uwambhele kwinjilamwo hanyuma yukw' adubhaguwe yalakil' ikintu chosi yabh' agwaye mwako kanya. 5 Halih' Umunt' umwe yali maz' imyaka milongw' itatu n' umunani adyamye mw' ivyo bhib hambhasi agwaliyeho 6 Yes' amubhony' adyamye ngaho mubhibhibhambhasi kand' amaze kumenya yukw' amaz' imyaka myishi ngaho maz' alamubwil' ati ''Mbhesi wobh' ushaka kubha muzima?'' 7 Wa mugway' alamubwil' ati ''Mwami wanje simfis' umuntu wo kunyinjiza mu mazi hady' adubhaguwe, Bhul' ukwo ngelegeje kwinjilamwo nsanga halih' umuntu yakelebhiuche kwinjilamwo. 8 Yes' alamubwil' ati ''Haguluka wikolel' igodoro dyawe wigile''. 9 Maze wa munt' akila kandi yikolel' igitanda chiw' alagenda . Kandi vyakozwe kumubhagwa w' Isabhato. 10 Maz' abhayuda bhabwila wa muntu yakijijw' ati '' Uwu n' umubhagwa w' isabhato kandi ntivyemewe kwikolel' igodolo dyawe. '' 11 Alabhishul' ati ''Uwa nkijije niwe yambwiy' ati 'ikolel' igodolo dyawe wigendele'' 12 Bhalamubhaza bhat' ''uwo yakubwiye ngo wikolel' igodolo dyawe ninde/'' 13 Alikuwo yakijijwe ntiyamumenye kuko Yesu yali yabhavuyemwo mwibhanga. Kuko halih' abhantu bhenshi. 14 Hanyuma yivyo Yesu yamusanze mulusengelo maz' alamubwil' ati ''Labha wakijijwe, 'ntuzosubhile gukol' ichaha kuko wohav' uhula n' ibhilemeleye gusumbhaho'' 15 Maze wa muntu alagend' abwil' Abhayuda yukw' ali Yesu yamukijije. 16 Abhayuda bhagilila nabhi Yesu kuko yabhikoze kumubhagwa w' isabhato. 17 Yes' alabhabwil' ati ''Data wanje alachakola nicho gituma nanje nkomeza gukola'' 18 Kubw' ivyo Abhayuda bhakomeje guhig' ukwo bhomwicha si kubwo kubhikola kumusi w' isabhato gusa ahubwo kuko yongey' akit'Imana kw' aliyo Se akisusisha n' Imana. 19 Yes' alabhishul' ati ''Nukuli ndabhabwile neza yuk' Umwan' adashobhola gukol' ikintu na kimwe atali kidya yabhonye Se wiw' akola. Kuko kidya Se wiw' akola nicho n' Umwana azokola. 20 Kuko Data akund' Umwana kand' amwelek' ivyakola vyosi, akazomweleka n' ibhindi bhinini kugila mukomeze gutangazwa.'' 21 Kuko nkakudya Dat' azul' abhapfuye akabhaha kubha bhazima, ukwo nikwo n' Umwana naw' abhaihelez' uwo yishakiye. 22 Kuko Data ntachil' umuntu numw' ulubhanza ahubw' imanza zosi yazihay' Umwana, 23 kugila bhosi bhubhah' Umwana nkoko nawe yubhaha Se. Uwutubhah' Umwana ntabha yubhaha na Se ya mulungiche. 24 Nukuli ndabhabwile neza , umuntu wesi yumv' ijambho dyanje maz' akizel' uwantumye uwo niw' afis' ubhugingo bhuholaho kandi ntazochigwak' ulubhanza. Ahubwo yalamaze gucha, mulupfu yinjila mubhugingo. 25 Nukuli ndabhabwile neza yuko hal' igihe kandi nubhu nyene kiliho abhapfu bhazokwumv' ijwi dy' U, mwana w' Imanakand' abhazodyumva bhosi bhazobhaho 26 Kuko nka kudya Dat' afis' ubhugingo ,uliwe, 27 nikwo yagabhiy' Umwana kugil' ubhugingo muliwe, kandi yamuhaye n' ubhushobhozi bwo guch' imanza kukw' al' U,wana w'Umuntu. 28 Ivyo ntibhibhatangaze kuko hal' igihe kiza ch' abhapfuye bhali mu mazikilo bhazokwumv' ijwi dyiwe, 29 maze bhazosohoka hanze: Abhakoz' ivyiza bhazuligw' ubhugingo kand' abhakoz' ibhizila nabho bhazuligw' ulubhanza. 30 Nta na kimwe nokola nishobhoje. Ukwo numva nikwo nch; imanza kand' ulubhanza gwanje n' ugw' ukugololoka kuko si ndondel' ivyanje, ahubwo ndondela gukol' ivy' uwantumye. 31 Iyo nabh' alai njewe nivuganila intahe yanje yoibhay' iy' ubhubheshi. 32 Halih' uwund' amvuganila kandi menya neza yukw' ivy' amvugaho al' ivy' ukuli. 33 Mwatumye kwa Yohana kandi yanshingiy' intahe. 34 Alikw' intahe yanje s' iyabhantu. Ibhi ndabhibwila kugila mubhashe kulokogwa. 35 Yohana dyal' itala dyaka kandi likayangana, mugihe gitoyi mwalanezelejwe n' umucho wiwe. 36 Ukuli mfise gusumvya kudya kewa Yohana, kwelekanwa mubhikogwa Data yampaye gushicha; ibhikogwa nkola vyelekana yuko Data yantumye. 37 Kandi na Data yantumye nawe nyen' alanshingil' intahe. Ntimwigeze kwumv' ijwi dyiwe kandi ntimuligela mumutung' ijisho na limwe. 38 Ijambho dyiwe ntilili muli mwebwe kuko mutizel' uwo yatumye. 39 Mwama mulasoma mu vyandichwe mwibhaza ngo halimw' ubhugingo aliko nivyo bhinshingil' intaje 40 kandi mwanka kunzako kugila ndabhah' ubhugingo bhuholaho. 41 Si nakil' ichubhahilo ch' abhantu, 42 kuko ndamenya neza yuko muli mwebwe hatalimw' ulukundo. 43 Naje mwizina dya Data aliko ntimwanyakiliye. Aliko hagiz' uwundi yoza mwizina dyiwe mwo mwakila. 44 None mwebwe mwoshobhola gute kwizela kandi mukunda guhan' ichubhahilo aliko mukananigwa guhig' ichibhahilo kiva ku Mana yonyene? 45 Nti mugile ngo njewe nzobhalega kuli Data. Uwubhalega ni Mose, kukw' aliwe mwasizekw' ivyizigilo. 46 Iyo mwabha mwizeye Mose mwonyizeye kuko yandiche ku nkulu zanje. 47 Ni mwqabha mutizey' ivyo yandiche mwoshobhola gute kwizel' amajambho yanje?