1 Maze Yes' amaze kumenya yukw' abhafarisayo bhamenye yuko yigisha kand' akabhatiza bhenshi gusumvya Yohana, 2 (Nubwo atali Yesu yabhatiza ahubw' abhigisha bhiwe) 3 Yavuy' Ibhuyuda agend' Igalilaya. 4 Yasanze bhikwiliye yuko yocha hagati muli Samariya. 5 Ashika mu muji w' Isamariya witwa Sikari, luhande ya hahandi Yakobo yahaye Yozefu 6 Iribha dya Yakobo dyalaho hantu. Kuko Yesu yali lushe yicha luhande yadyo, hali kw; isaha z' umutaga. 7 Umugole w' Umusamariyakazi yaje kuvoma maze Yes' alamubwil' ati ''Ndasabh' amazi yo kunywa'' 8 Kukw' abhigishwa bhiwe bhali bhagiye mu muji kugul' ivyokudya. 9 Wa mugol' alamubhaz' ati ''Vyoshobhoka gute wew' umuntu wu Muyuda kunsabha njew' imugole w' Umusamariya kaz' amazi yokunwa''? Kukw' abhayuda ntibhivanga n' Abhasamariya 10 Yes' alamwishul' ati ''Iyo wabh' umeny' ingabhile y' Imana ukamenya nind' akubwiye ngo 'Mpa amazi' walikumusabha, kandi yali kuguhelez' amazi y' ubhugingo''. 11 Uwo mugol' alishul' ati ''Mwami ko mbhona udafis' indobho yo kuvomesha kandi mbhona yukw' iribha ali lile~lile; ulakula heh' ayo mazi y' ubhugingo?'' 12 Mbjesi wewe wobh' usumbha data Yakobo yaduhaye lino libha kandi nawe nyene hamwe n' abhana bhiwe hamwe n' ibhitungano vyiwe bhanyoye kwa lino libha? 13 Yes' alishul' ati ''Umuntu wes' anywa kul' aya maz' azokwongela kunyotegwa, 14 alik' uwuzonywa kumazi ntanga ntazosubhila kunyotegwa. Ahubw' ayomazi nzomuha azohinduk' ilibha lidudubhiliza muliw' ibhihe vyosi'' 15 Wa mugole yishula Yes' ati ''Mwami numpelez' ayo mazi sinzokwongele kunyotegwa chankwe ngo ngaluke kuvom' amazi hano'' 16 Yes' alamwishul' ati ''Gend' uhamagal' umugabho wawe maze wongel' ugaluke hano'' 17 Wa mugole yishul' ati ''Nta mugabho ngila'' Yes' alamwishul' ati ''Uvuz' ukuli ngo singil' umugabho'' 18 kuko wabhanye n' abhagabho bhatanu kandi nuwo mubhany' ubhu nawe sigwawe. Uvugishij' u,kuli''. 19 Uwo mugole yishul' ati '' Mwami ndabhona yuko wewe ul' umuvugisjhwa'' 20 Bhasokulu bhasengela kwa kano kalambhi' aliko mwebwe mutubwila ngo dukwiye gusengel' Iyerusalemu.'' 21 Yes' alamubwil' ati '' Yewe wa mugole n' unyizele kuko hal' igihe kizoza mutazosengela kwa uno mulambhi chankw' Iyerusalamu. 22 Kuko mwebwe museng' icho mutameny' aliko twebwe tulameny' icho dusenga. Kand' agakiza kava mu Bhayuda.'' 23 Aliko halih' igihe kizoza kandi kili hano, icho gih' abhasenzi bh' ukuli bhazosengela Data mu mpwemu no mukuli, kuko Data alondela henabho bhantu kugila ngo bhamusenge. 24 Imana ni Mpwemu, kandi bhosi bhayisenga bhakwiliye kuyisengela mu mpwemu hamwe no mukuli'' 25 Wa mugol' amubwil' ati ''Ndabhinya yuko Mesiy' azoza(yitwa Kiristo) Uwo namala kuza niw' azotubwila vyosi. 26 Yes' alamwishul' ati '' Uwuvugana nawe niwe'' 27 Maz' abhigishwa bhiwe bhalagaluka. Maze bhatangazwa nukw' aganila nuwo mugole nubw' atanumwe yamubhajij' ati ''Ushak' iki? chankw' ati ''Kubheliki uvugana nawe? 28 Uwo mugol' asig' ikindi chiwe yiluka mu muji abhibwil' abhantu. 29 Ati ''Ni muze mulabh' umuntu yambwiy' ivyo nakoze vyosi bhudya ntiwosang' aliwe kiristo?'' 30 Bhava mu muji bhalaza. 31 Kugicha mus' abhigishwa bhiwe bhalamwinginga bhati ''Rabhi n' udy' ivyokudya'' 32 alikw' alabhabwil' ati ''Njewe ndqfis' ivyokudya mwebwe mutamenya'' 33 Bhalabhazanya bhati 'Ubwo nta wamuzaniy' ivyokudya? 34 Yes' alabhabwil' at' ivyokudya vyanje nugukol' ubhugombhe bw' uwantumye kandi nkamal' igikogwa yantumye. 35 Mbhesi si mwebwe muvuga muti mumez' atanu tuzosalula? Leka ndabhabwile ni mulabhe kungen' imilima yosi yamaze kwela ikabh' ikeneye gusalugwa! 36 Uwusalula wesi akil' impembho kandi yeegelany' ivyimbhugwa kubw' ubhugingo bhuholaho, kugila ngo uwutela hamwe n' umusaluzi bhosi bhanezegwe. 37 Kuko uwu mugani n' uwu' ukuli ngo 'Umwe alatela uwund' agasalula' 38 Nabhalungiche gusalul' ivyo mutavunikiye, abhandi bhalakoze namwe mwinjiye mumu nezelo w' imilimo yabho.'' 39 Bhenshi mubhasamariya bhalamwizela kubw' ijambho dya wa Musamariyakazi yabhashingil' intahe ngo ''yambwiy' ivyo nakoze vyosi'' 40 Abhasamaliya bhaje bhamusabha yuko yogumana nabho mu mibhagw' ibhili. 41 Bhenshi bhalamwizela kubw' ijambho dyiwe. 42 Bhabwila wa mugole bhati '' Ubhu tulizeye si kubw' ijambho dyawe gusa kuko natwe tulamwiyumviye kandi tulamenye yukw' al' Umulokozi wa yinosi'' 43 Hanyuma yiyo mibhagw' ibhili avayo agend' Igalilaya. 44 Kukw' aliwe yali yavuz' at' Umuvugishwa ntiyokwubhahigw' iwabho mu gihugu chiwe. 45 Agez' Igalilaya Abhanyagalilaya b halamwakila. Bhali bhabhony' ivyo yakoley' mIyerusalemu ku munsi mukulu, kuko nabho nyene bhali bhashengeye kumunsi mukulu. 46 Yongela kugend' Ikana y' Igalilaya hamwe yahindul' amazi kubha divayi. Halih' UMutwale yalifis' umwan' agwaye hiyon Ikapelenawumu. 47 Amaze kwumva yuko Yesu yavuy' Ibhuyuda akaza Igalilaya yaje kuli Yes' alamwinginga kugil' amukiliz' umwana wiwe kuko yali melewe nabhi. 48 Maze Yes' alabhabwil' ati ''mwebwe mutabhony' ibhitangaza ntimwokwizela. 49 Uwo mutwal' alamubwil' ati ''Mwigisha n' umanuke ningog' umwana wanj' atalapfa'' 50 Yes' alamubwil' ati ''Ni witahil' umwana wawe ni muzima''. Uwo muntu yizel' ijambho dya Yesu maqz' alagenda. 51 Akimanuk' abhakozi bhiwe bahaza kumusanganila bhamubwila yuko wa mwana wiwe yakize 52 Abhabhaz' ati ni dyali yatoy' agahengwe? Bhalishula bhati ''Ni nijolo nki saha mushanju nih' inyonko yamuvako'' 53 Maze se wiw' amenya yukw' alichagihe nyene Yesu yamubwil' at' Umwana wawe ni muzima''. Maze yizelana n' abhiwe bhosi. 54 Icho nicho ,kimenyecho cha kabhili Yesu yakoz' amaze kuv' Iyudaya agend' Igalilaya.