1 Maze halih' umuntu w' umufarisayo yitwa Nikodemu umwe mu bhakulu bh' umugwi mukulu w' Abhayuda. 2 Uwo muntu yaje kuli Yesu mwijolo maz' alamubwil' ati ''Rabhi, tulamenya neza yuko wewe ul' Umwigisha yavuye ku Mana ,kuko nta munto yoshobhola gukola hene bhino bhitanagaza vyosi atalukw' Iman' ilikumwe nawe.'' 3 Yes' alamwishul' ati ''Nukuli ndakubwile neza ; nta muntu numwe yokwinjila mu bwami bw' Imana atabhanjije kuvuk' ubwa kabhili'' . 4 Nikodemu alabhaz' ati ''Umuntu yoshobhol' ate kwongela kuvuka kand' ashaje? Ntiyoshobhola kwinjila mu nda ya nyina wiwe ngw' avuk' ubwakabhili, non' ivyo vyoshobhoka?'' 5 Yes' alishul' ati ''Nukuli ndakubwile neza umuntu wes' atavyawe mu mazi hamwe no muli Mpwemu, ntiyoshobhola kwinjila mu bwami bw' Imana. 6 Ikivyawe mu mubhili n' umubhili ka nd' i,ivyawe na Mpwemu nacho n' impwemu. 7 Ntibhigutangaze kuko nakubwiye yuko bhibheleye kubhanza kuvuk' ubwakabhili. 8 Umuyaga wam' uhuhuta welekez' iyo wishakiye, twesi twumv' ijwi dyawo aliko ntawomeny' iy' uva n' iy' uja. Ukwo nikwo bhimeze kumuntu yavyawe na mpwemu. 9 Maze Nikodemu alamubwil' ati ''Ivyo vyoshobhoka gute? 10 UYes' alamweishul' ati ''Ni wewe mwigisha wa Isirayeli kandi ntumenya bhino bhintu? 11 Nukuli ndakubwile neza kidya cho tumenya tulache,eza dukolesheje kidya cho twabhonye. Aliko mwenbwe ntimwakil' inkulu zachu. 12 N i mwabha mudashobhola kwizel' ibhintu vya yinosi mwoshobhola gute kwizela ninabhabwil' ivyo m,wijulu? 13 Kuko ntawagiye mwijulu atal' uwamanuche aliwe Mwana w' Umuntu. 14 Kudya Mose yamaniche ya nzoka haliya mubhugalagwa ukwo nikw' Umwana w' Umunta' azomanikwa hejulu, 15 kugila bhosi bhazomwizela bhabhon' ubhugingo bhuholaho. 16 Uku nikw' Imaa yakunza' abhali mwisi , maz' itangu mwana way' umwe gusa, kugila bhul' umuntu wes' amwizeye ntazozimil' ahubwo yakil' ubhugingo bhuholaho. 17 Imana ntiyalungich' Umwana wayo guchil' isi ulubhanza , ahubwo kugil' isi yakail' agakiza. 18 Uwumwizela wesi ntazochigwak' ulubhanza. Uwutamwizela wesi yalachiliwek' ulubhanza , kukw' atizey' izina dy'Umwan' Umwe gusa 19 Iki nicho kizotuma habhah' ulubhanza, nukw' umucho waje mwisi alikw' abhantu bhagakund' umwijima gusumv' umucho kukw' ibhikogwa vyabho vyali bhibhi. 20 Umuntu wes' akol' ibhibhi yank' umucho , kandi ntiyoza mu mucho kukw' atinya yukw' ibhikogwa vyiwe vyobhonwa. 21 Alik' umuntu wes' akol' ivy' ukuli aza mu mucho kugil' ivy' akola bhibhoneke yukw' alivyo gushimish' Imana. 22 Hanyuma yivyo Yesu yajanye n' abhigishwa bhiwe Ibhuyuda , yiligwanayo nabho abhatiza. 23 Maze Yohana nawe yabhatili' Iainoni luhande y' Isdalemu kukw' aho haliy' amazi menshi. Abhantu bhamusangayo alabhabhatiza, 24 kuko Yohana ntiyali bwatabhwe mw' ibhohelo. 25 Maze habhaho guhalila hagati y' abhigishwa bha Yohana hamwe n' Umuyuda umwe kuvyelekelanye n' imibhagwa mikulu yo kwezwa. 26 Maze bhalagenda kwa Yohana bhalamubwila bhati ''Rabhi wa wundi yali hakudya y' uluzi gwa Yorodani, umwe washingil' intahe, alabhatiza kand' akulikigwa n' abhantu bhosi.'' 27 Yohan' alabhishul' ati ''Nta muntu yokwishobhoza na kimwe atabhihawe kuva mwijulu. 28 Ni mwebwe vyabhona vyanje yuko nabhabwiye yuko njewe ntali Kiristo, ahubwo nabhabwiye yuko nalungichwe kumutegulila 29 Uwufis' umugeni niwe mukwe. Umugenzi w' umukwe nawe anezelezwa no guhagalala yumviliz' ijwi dyu mukwe. Umunezelo wanje lelo ulakwijijwe. 30 Uwo bhikwiliye yukw' akomeza maze njewe nkagabhanuka. 31 Uwavuye mwijulu niwe nyene vyosi. Uwa yinosi yivugil' ivya yinosi. Uwuva mwijulu niwe mukulu wa vyosi. 32 Niw' ashing' intahe yivyo yabhonye hamwe n' ivyo yumvishije kandi ntibhemel' intahe yiwe. 33 Uwa vyemeye yabhonye neza yukw' Imana al' inyakuli. 34 Kuk' uwatumwe n' Imana naw' avug' amajambho y' Imana. Kuko ntitanga Mpwemu kulugelo. 35 Kuko Data akund' Umwana yasize vyosi mumabhoko yiwe. 36 Uwizey' uwo Mwana niw' afis' ubhugingo bhuholaho, alik' umunt' atamwubhaha ntazolonk' ubwo bhugingo bhuholaho, kuliwe hal' ulubhanza gw' Imana.