Igiche 9

1 Igihe Yesu yalikw' alagenda genda yabhony' umugabho w' impumyi kuva mukuvuka kwiwe. 2 Abhigishwa bhiwe bhalamubhaza bhati ''Rabhi ninde yachumuye hagati yiwe n' abhavyeyi bhiwe bhigatuma yavuch' al' impumyi? '' 3 Yes' alabhishul' ati '' Siwe kandi si n' abhavyeyi bhiwe, ntawachumuye, vyabhaye kugil' imilimo y' Imana yelekanwe muliwe. 4 Dukwiliye gukol' ibhikogwa vy' uwa ntumye hakili kumutaga.Ijolo ligiye kuza hamw' atamuntu yokola na kimwe. 5 Mugihe nkili mwa yinosi nimjewe mucho wayo'' 6 Yes' amaze kubhivug' achil' amate hasi maz' atobh' ubwondo abhumusiga mu maso. 7 Alamubwil' ati '' Genda wiyoze mwilibha Silowamu( Lisobhanuye ngo uwalungichwe) . ''Maz' uwo munt' alagenda, aliyoza , alakalabha , agaluka yamaze kubhona. 8 Abhabhanyi bhuwo muntu na bhadya bhahola bhamubhon' asabhililiza bhalavuga bhati, 'Uwu si waewundi yahol' asbhililiza yichaye? '' Abhandi bhalavuga bhati'' ''Niwe nyene''. 9 Abhandi bhalavuga bhati '' Oya mugabho asa nawe!. Aliko we alabhabwil' ati ''Ni njewe''. 10 Bhalamubhaza bhati ''Mbes' amaso yawe yahumuwe gute?'' 11 Alabhabwil' at' umuntu yitwa Yesu yatovy' ubwomdo abhausiga kumaso yanje alambwil' ati ''Genda Silowamu wiyoze. Maze ndagenda ndiyoza, nshobhola kubhona neza.'' 12 Bhalamubhaza bhati ''Ali hehe? Alabhabwil' ati ''Si nomenya''. 13 Bhajana wa muntu yahol' al' impumyi kubhafarisayo. 14 Kand' igihe Yesu yatobha bwa bwondo bwo kumuhumula hali kw' Isabhato. 15 Maz' Abhafarisayo bho nngela kumubhaz' ukwo yakijijwe. Alabhabwil' ati '' Yashiz' ubwondo kumaso yanje ndakalabha, non' ubhu ndabhona.'' 16 Bhamwe mu Bhasfarisayo bhalavuga bhati '' Uwu muntu ntiyavuye ku Mana kukw' atubhahiliz' isabhato''. Abhandi bhalavuga bhati ''Vyoshobhoka bhiye yuk' umuntu w' umunyavyaha yokol' ibhitangaza bhimeze guti? '' Bhibhatuma bhatandukana mu vyiyumvilo vyabho. 17 Maze bhalabhaza wa muntu w' impumyi bhati'' None wewe ko yagukijije umuvugakw' iki? Maz' iyo mpumyi ilabhabwil' ati ''N' umuvugishwa''. 18 Kandi Abhayuda ntibhali bhamwizeye yuko yali mpumyi akongela kubhona kugeza bhamaze guhamagal' abhavyeyi bh' uwo yakijijwe. 19 Bhabhaza bhabhavyeyi bhiwe bhat' uyu ni wa mwana wanyu muvuga yuko yavuch' ahumye? Vyagenze nte kugil' abhone?'' 20 Abho bhavyeyi bhalishula bhati ''Tulamenya yukw' al' umwana wachu kandi yuko yavuch' al' impumyi. 21 Icho tutamenya n' ubhudy' abhona, hamwe n' uwamuhumuy' amaso yiwe ntawe twomenya. Ni mumubhaze. Alakuze. Yokwivugila.'' 22 Abhavyeyi bhiwe bhabhivuze bhatyo kuko bhatiny' Abhayuda. Kukw' Abhayuda bhali bhumvikanye yuk' umuntu wes' azomwemela yukw' aliwe Kiristo bhazomuvana mw' Isinagogi. 23 Nicho chatumy' abho bhavyeyi bhavuga bhati ''Alakuze, ni mumwibhalize''. 24 Ubhakabhili bhongela kubhaza wa muntu yahol' ahumye bhati '' Shemagiz' Imana. Kuko twebwe tumenya yuk' uwo munt' al' umunyavyaha.'' 25 Wa muntu naw' alabhishul' ati ''Yabh' al' umunyavyaha, njewe ntavyonomenya. Icho menya ni kimwe gusa: nali mpumyi none ndabhona.'' 26 Bhasubhila kumubhaza bhati ''Yagukoley' iki? Amaso yawe yayahumuye gute? 27 Alabhabwil' ati ''Namaze kubhabwila, kandi ntimwanyumvilije! Kubhel' iki mushaka kwongela kuvyumva? Kandi mwobha mushaka namwe kubh' abhigishwa bhiwe, chankwe? 28 Bhalamwishula nabhi bhati ''Wewe ul' umwigishwa wiwe aliko twebwe tul' abhigishwa bha Mose. 29 Tulamenya yukw' Imana yavuganye na Mose alik' uwo muntu titwomeny' iy' atuluka.'' 30 Wa munt' alabhishul' ati ''Kubhel' iki! ibhi ko bhitangaje chane, yuko mutameny' iyava, kandi yahumuy' amaso yanje. 31 Tulamenya yukw' Imana itokwumviliz' abhanyavyaha, alik' umuntu wes' ayubhaha kand' agakol' ivyo igombha niwe yumviliza. 32 Kuya yinosi yabhaho si nali bwumve yuko hal' umuntu yahumuy' amaso y' umuntu yavuch' al' impumyi. 33 Iy' abh' atava ku Mana ntiyali kubhikola.'' 34 BHlamwishula bhati ''Wewe wavukany' ichaha wotwigisha twebwe''.? Maze bhamubhinga mw' isinagogi. 35 Yesu yumvishije yuko bhamwilukanye mw' isinagogi; maz' alahula nawe alamubwil' ati ''Wobha wizey' Umwanaw' Umuntu? 36 Alamwishul' ati ''Yobh' alinde mwami nanje mbhashe kumwizela? 37 Yes' alamwishul' ati ''Wamaze kumubhona, uwu muvugana niwe.'' 38 Wa munt' alamwishul' ati ''Mwami ndizeye''. Maz' alamwunamila. 39 Yes' alavug' ati ''Kubw' ulubhanza nalaje hano kwa yinosi, n' ukugil' abhatabhona bhashobhole kubhona , kand' abhabhona nabho bhabh' impumyi.'' 40 Bhamwe mu bhafarisayo bhal' aho bhalamwumva maze bhalamubhaza bhati'' Natwe tulahumye?'' 41 Yes' alabhishul' ati ''Iyo mwabh' impumyi nta chaha mwobhaye mufise. Aliko kuko muvuga muti Tulabhona, bhituma muguman' ichaha chanyu.''