1 (Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Yes' aja kumulambhi w' Imizeyituni. 2 Mugitondo chane yongela kuza Mulusengelo, abhantu bhalaz' abhanza kubhigisha. 3 Abhandichi hamwe n' abhafarisayo bhalaza bhamuzaniy' umugole yafatiwe mubhusambhanyi bhamushila hagati. 4 (Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Maze bhabwila Yesu bhati ''Mwigisha uwu mugole yafatiwe mugikogwa cho gusambhana, kandi bhamufatiyeko. 5 None mu mategeko yacho Mose yadutegeche yoko twotel' abhantu nkaw' amabhuye, none wewe ubhona tumugenze nte? 6 Bhabhimubhajije kugila bhabhon' ukwo bhamufatisha bhakabhon' icho kumulega, aliko Yesu yunama hasi maz' alandika mubwondo akolesh' ulutoke gwiwe. 7 (Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu) . Bhakomeje kumubhaza alahaguluka alabhabhaz' ati ''Uwo muli mwebwe yobh' atagil' ichaha n' abh' uwambhele kumutel' ibhuye''. 8 Yongela kwunama hasi yandikish' ulutoke gwiwe mubwondo. 9 (Menya: Ibhuka insobhanulo ya Yohana 7:53-8:11ili ngaho hejulu). Bhamaze kuvyumva bhalasobhoka bhavaho bhul' umwe uheleye kumukulu. Munyuma Yesu bhamusiga wenka na wa mugole yali hagati yabho. 10 Yes' alahaguluk' alamubhaz' ati ''Wamugolewe, abhakulega bhali hehe? Nta numwe yaguchiliy' ulubhanza? '' 11 Alamubwil' ati ''Nta numwe Mwami''. Yes' alamwishul' ati ''Nanje sindaguchil' ulubhanza. Ni witahile; guhel' uwu mubhagwa n' iyindi ntuzokwongele gukol' ichaha.'' 12 Maze Yes' abwil' abhant' ati ''Ni jewe mucho wa yinosi, uwu nkulikila wesi ntazogendela mumwiza, alikw' azobh' umucho w' ubhugingo.'' 13 Abhafarisayo bhalamwishula bhati ''Wewe ni we wivugila , ivy' uga s' ivy' ukuli.'' 14 Yes' alabhishul' ati ''Nubwo nokwivuganila alikw' ivyo mvuga nikwo kuli. Njewe ndameny' iyo navuye n' iyo nja, aliko mwebwe ntimumeny' iyo navuye kandi ntimumenya n' iyo nja. 15 Mwebwe much' imanza z' umubhili gusa, aliko njewe ntawe nchil' ulubhanza. 16 Kandi naho noch' ulubhanza gwam' al' ugw' ukuli kuko sindi njenyene, aliko ndikumwe na Data yantumye. 17 Yego, no mumategeko yanyu havuga yukw' ukuli kw' bhabhili kwemewe. 18 Njewe ndivugila kandi na Data yantumye nawe nyen' alamvuganila''. 19 Bhalamubhaza bhati ''So wawe ali hehe ? Yes' alabhishul' ati ''Njewe nti mumenya, na Data ntimwomumenya; iyo mwamenya mwalikumenya na Data.'' 20 Ivyo yabhivugiye luhande y' ubhubhiko bw' ulusengelu alikw' alabhigisha, kandi nta muntu yamufashe kukw' isaha yiwe italibwashike. 21 Maze yongela kubhabwil' ati ''Njewe zogenda; muzondondfela namwe muzopfila mu vyaha vyanyu. Kukw' iyo nja ntimwoshobhola kuzayo.'' 22 Abhayuda bhalabhazanya bhati ''Yobh' ashaka kwiyicha, avuga ngo 'iyo ngenda ntimwojayo''?. 23 Yes' alabhabwil' ati ''Mwebwe muva kwisi aliko njewe mva hejulu. Mwebwe mul' abhayinosi aliko njewe sind' uwayinosi. 24 Nicho gituma nabhabwiye yuko muzopfila muvyaha vyanyu. Mutemeye kwizela yuko NJEWE NDIWE muzopfila muvyaha vyanyu.'' 25 Maze bhalamubhaza bhati ''Wewe uli nde''? Yes' alabhabwil' ati 'bhidya nabhabwiye kuva mu ntango. 26 Ndafise vyinshi vyo kubhavugaho hamwe no kubhachil' ulubhanza. Alik' uwantumye n' umunyakuli; kandi bhidya namwumvanye nanje nivyo mbwil' iyisi.'' 27 Ntibhasobhanukiwe yuko yavuga kuvyelekeye Se. 28 Yes' alavug' ati ''Ni mwamala kumanik' Umwana w' Umuntu niho muzobhona kumenya yuko NJEWE NDIWE , kandoi yuko ntakola na kimwe kubwanje. Mvuga nkuko Data yambwiye kuvuga. 29 Uwa ndugich' alikumwe nanje, ntiyonsiga njenyene, kuko bhul' igihe nkola bhidya bhimunezeleza. '' 30 Yes' avuz' ivyo bhenshi bhalamwizela. 31 Yes' abwil' Abhayuda bhamwizey' ati ''Ni mwaguma mwi jambho dyanje, niho muzoshobhola kubh' abhigishwa bhanje bh' ukuli, 32 kandi muzomeny' ukuli, kubh' alikwo kubhabhohola.'' 33 Bhalamwishula bhati, ''Twebwe tul' abhana bh' Abulahamu, kandi ntituligela tubh' abhaja bh' umuntu n' umwe; utubwila gute ngo ''Tuzobhohogwa?'' 34 Yes' alabhishul' ati ''Nukuli ndabhabwile neza yukw' Umukozi w' ichaha wes' abha al' imbhohe y' ichaha''. 35 Umuja ntiyichala muhila bhul' umusi alik' Umwana yamah' ibhihe vyosi. 36 Nuko lelo Umwana ni yabhabhohola , muzobha mubhohowe vyukuli''. 37 Ndamenya yuko mul' uluvyalo gw' Abulahamu; aliko mulondela kunyivcha kukw' ijambho dyanje litali muli mwebwe. 38 Ndabhabwil' ivyo nabhonye kwa Data, kandi namwe nyene mulakol' ivyo mwabhonanye so wanyu'' . 39 Bhalamwishula bhati ''Twebwe tul' abhana bh' Abulahamu. '' Yes' alabhabwil' ati 'iyo mwabha mul' abhana bh' Abulahamu, mwali gukol' ibhikogwa vya Abulahamu. 40 Labha nubhu nmushaka kunyicha njewe nabhabwiy' ukluli yuko navyumvishije ku Mana. Abulahamu ntiyegez' akola hen' ivyo. 41 Mukol' ibhikogwa vya So wanyu'' Bhalamwishula bhati ''Twebwe ntitul' abhana bh' abhasambhanano, dufise Dat' umwe giusa niwe Mana.'' 42 Yes' alabhabwil' ati ''Iyo mwabha mul' abhana bh' Imana mwali ku nkunda njewe, kuko navuye ku Mana ; kandi sije nizanye ahubwo niyo yantumye. 43 Ni kubhel' iki mudasobhanukigw' amajambho yanje? Nuko muda`shobhoye kwihanganila kwumviliz' amajambho yanje. 44 Mwebwe mwavyawe na So wanyu Satani, kandi mwishakila gukol' ivyo so wanyu yipfuza. Kuva kela yal' umwichanyi kandi ntiyohagalala mukuli kuko muliwe ntakulimwo. Iy' avuz' ubhufyefya, avug' ibhingana n' ukwakoze, kuko niwe se w' ubhubheshi. 45 Labha n' ubhu ntimunyizela kuko ndabhabwiy' ukuli. 46 None muli mwebwe nind' anyagiliz' igichumulo? Ko ndabhabwiy' ukuli ni kubheliki mutanyizela? 47 Uwuva mu Mana yumv' ivy' Imana; mwebwe mntimwovyumva kuko mutavana n' Imana.'' 48 Abhayuda bhalamwoshula bhati ''Kandi twebwe twakubwiye yuko wosanga wewe ul' Umusamaliya chankw' ukabh' ufis' abhadayimoni!? 49 Yes' alabhabwil' ati ''Nta madayimoni mfise; aliko nubhaha Data, nubwo mwebwe mutanyubhaha. 50 Njewe sinishemagiza; halih' uwishemagiza no guch' imanza. 51 Nukuli ndabhabwile neza, umuntu wes' azofat' ijambho dyanje ntazokwigel' aligata kulupfu''. 52 Abhayuda bhalamubwila bhati, ubhu lelo tulamenye tudakekelanya yuk' ufis' abhadayimoni. Abulahamu hamwe n' abhavugishwa bhosi bhalapfuye; aliko wewe ulavuga ng' umuntu niyitondel' ijambho dyawe ntazoligata kulupfu! 53 Wewe wobh' usumbha sokulu wachu Abulahamu yapfuye? Abhavugishwa nabho nyene bhalapfuye. Wewe wibhona yuk' ulinde? 54 Yes' alabhishul' ati ninabha nishila hejulu ngaho intahe yanje yobh' ali' iy' ubhusa; aliko ni Data wanj' anshemagiza, kandi niwe mwita ngo n' Imana yanyu. 55 Mwebwe ntimulamumenya, aliko njewe ndamuzi. Ninavuga ngo sindamumenya nobha meze nkamwe, mubhubheshi; aliko ndamuzi kand' amajambho yiwe ndayitondela. 56 Sokulu wanyu Abulahamu yalanezelejwe no kubhon' umwe mumibhagwa yanje; yalayibhony' alanezegwa.'' 57 Abhayuda bhalamubwila bhati ''Wewe ntulageze n' imyaka mi;longw' itanu , kand' uvuga walabhonye Abulahamu?'' 58 Yes' alabhabwil' ati ''Nukuli ndabhabwile neza Abulahamu atalavuka NJEWE NALIHO ''. 59 Maze bhatolagul' amabhuye ngo bhayamutele, aliko Yes' alabhihisha, ava hagati Mulusengelo.