Igiche 7

1 Ivyo bhiheze Yes' agendagendel' Igalilaya, kuko ntiyashaka kugend' Ibhuyuda kukw' Abhayuda bhakol' imigambhi yo kumwicha. 2 Kand' umubhagwa mukulu w'Abhayuda w' Ibhisangate wali wegeleye. 3 Maze bhene wabho bhalamubwila bhati ''Uve hano ugende n' Ibhuyuda kugila n' abhigishwa bhawe bhabhon' ibhikogwa vyaw' ukola. 4 Nta muntu yokolela mwibhanga abhaye ashaka yuko bhamumenya neza. Kuk' ukola bhene bhino ni wiyelekane kwissi bhakumenye.'' 5 Kuko na bhene nyina ntibhamwizeye. 6 Maze Yes' alabhabwil' ati ''Igihe chanje ntikilashika, aliko mweh' igihe chanyu chamaho bhul' umubhagwa. 7 Isi ntiyoshobhola kubhanka mwebwe, yanka njewe kuko ndayagiliza yukw' ibhikogwa vyayo ali bhibhi. 8 Ni muduge mugende mu musi mukulu; njewe si ngenda kukw' igihe chanje kitala shika'' 9 Amaze kubhibhabwila yachiy' asigal' Igalilaya. 10 Aliko bhene wabho bhamaze kugenda mu musi mukulu, niho nawe yagiyeyo, alaiko ntiyiyelekanye, yagiye m,ubhudyo bw' ibhanga. 11 Abhayuda bhalamuhize mu musi mukulu bhalavuga bhati'' Ali hehe?'' 12 Haliho guhalila chane hagati y' abhantu bhaje kuko bhamwe bhavuga bhati ''N' umuntu mwiza'' abhandi bhakavuga bhati ''Oya, alabhesh' ikolanilo'' 13 Aliko bhabhivuga bhihishije kuko bhatinya yukw' Abhayuda bhabhumva. 14 Umusi mukulu umaze gushika hagati niho Yesu yaza Mulusengelo akabhanza kubhigisha. 15 Abhayuda bhalatangala bhalavuga '' Kubheliki amenya vyinshi ? Uwu ntiyigeze yiga''. 16 Yes' alabhishul' ati ''Ivyo ndabhigisha s' ivyanje ahubwo n' ivy' uwa ntumye. 17 Umuntu wesi yipfuza gukol' ubhigombhe bwiwe, azomenyeshwa zino nyigisho, amenye ko ziva ku Mana chankwe yukw' alivyo nigenela. 18 Umunt' avug' ivyiwe abh' ahig' ichubhahilo chiwe gusa, alik' uwuhig' ichubhahilo ch' uwamutumye niwe w' ukuli kandi muliwe nti habhamwo kudakola kugololoche. 19 Mose siwe yabhahay' amategeko. None kubhel' iki mutayubhaha? Kubhel'iki mushska kunyicha? 20 Ikolanilo lila mwishula liti ''Wewe ulagwaye Dayimoni, Nimde wabhony' ashaka kukwicha? 21 Yes' alabhishul' ati ''Nakoz' igikogwa kimwe kandi namwe mulachagitangalila. 22 Mose yabhahaye gusilimula( nti vyavanye na Mose kuko bhivana n' abhakula mbhele) kandi no kw' isabhato umuntu mulamusilimula. 23 None bhibhaye vyemewe gusilimula kumubhagwa w' isabhato kugila ntimwich' amategeko ya Mose, none ni kubheliki munshavulila kuko nakijij' umunt' akabha muzima kumusi w' isabhato? 24 Nti uze mulach' imanza zivuye kuvyo mubhona, muze mulach' imanza zigololoche. 25 Bhamwe mu bhantu bh' Iyerusalemu bhalabhazanya bhati ''Uwo siwe bhahiga kwicha? 26 None ko tubhon' avugil' ahabhona kandi ntawomukolako. Bhudya ntiwosanga bhamenya yukw' aliwe Kiristo, wo sang' aliwe? 27 Uwu tulameny' iy' ava, aliko Kiristo ntawumeny' azova hehe''. 28 Yes' alasemelela mukwigish' ati ''Mwebwe mulanzi kandi mulameny' iyo navuye. Si njewe ni zanye, alik' uwa nzanye niwe w' ukuli kandi mwebwe ntimu mumenya. 29 Njewe ndamumenya kuko navuye kwiwe kandi niwe yantumye.'' 30 Bhalagelageje kumufat' aliko ntawabhishobhoye kukw' igihe chiwe kitali bwagele. 31 Kandi bhenshi mw' ikolanilo bhalamwizeye. Bhalavuga bhati , ''None Kiristo ni yamala kuza azokol' ibhitangaza bhisumb' ivy' uyu akola? 32 Abhafarisayo bhumv' ikolanilo dyongolelana kubhimwelekeye, maz' abhakulu bha' abhahelezi hamwe n' abhafarisayo bhatum' abhatwale kumufata. 33 Maze Yes' alabhabwil' ati ''Halachasigaye gatoyi, ndachali kumwe namwe, aliko hanyuma nzosubhila kuwa ntumye. 34 Muzo ndondela kandi ntimuzondonka, kandi ntimushobhola kuz' iyo nzoja''. 35 Maz' Abhayuda bhalongolelana bhati '' Uwo yobh' ashaka kujahe kugila ntituzomubhone? Azogenda kwigisha bhdya bhasabhakwilagiliye mubhihugu vy' abhagiliki? 36 Ivyo bhisobhanuy' iki ngo 'Muzondondela ntimuzombhona, kandi ngw' iyo nzoja ntimushobhola kujayo?'' 37 Kuli wa musi munini wa nyuma w' umusi mukulu Yes' alahaguluka alasemelel' ati ''Umuntu wesi yobh' anyotewe n' az' anywe. 38 Uwu nyizela wesi, nkukw' ivyandichwe bhivuga, muliwe hazovamw' amalibha y' amazi y' ubhugingo.'' 39 Aliko yabhivuze kubwa Mpwemu azokwakigwa na bhadya bhosi bhizela; Mpwemu ntiyali bwatangwe kuko Yes' atali bwashemagizwe. 40 Bhamwe mubhakolaniyeho bhalavuga bhati ''N' ukuli uwo n' umuvugishwa''. 41 Abhadi bhat' uwo ni Kiristo.'' Alikw' abhandi bhalavuga bhatoi '' None Kiristo yov' Igalilaya? 42 Ivyamdichwe ntibhivuga ngo Kiristo azova mu mudyango wa Dawudi muli Betelehemu, mu chalo Dawudi yabhamwo? 43 Habhaho kwitandukanya kubhijanye n' inkulu ziwe. 44 Abhandi bhashaka kumufat' aliko bhananigwa kumukozakw' amabhoko. 45 Maze bha bhatwale bhagaluka kubhakulu bh' abhahelezi hamwe no kubhafarisayo nabho bhala`bhabhaza bhati '' Ko mutamuzanye?'' 46 Abho bhatwale bhalabhishula bhati ''Nta muntu yigeze kubhonek' avuga nkawe''. 47 Maz' abhafarisayo bhalabhishula bhati '' Namwe yabhahubhishije? 48 Mubhona haliho numwe mubhakulu chankw' abhafarisayo yamwizeye? 49 Atali lino kolanilo bhatameny' amategeko, abho - abho bhalavumwe''. 50 Maze Nikodemu alabhabwil' (Uwo ni wawundi yaza kwa Yesu mwijolo wo mubhafarisayo) , 51 Ati ''Ivyagezwe vyachu bhilatwemelela yuko duchil' ulubhanz' umuntu numwe atahawe kwilegula kugila tumeny' ich' akola?'' 52 Bhalamwishula bhati ''Mbhesi nawe wobh' uva Igalilaya? Higahiga ulabhe nta Muvugishwa yigeze kuv' Igalilaya''. 53 (Menya neza: Amwe mumajambho ya Yohana 7:53-8:11 ntiwoyabhona mu nyandiko nziza za kela) Bhul' umunt' alataha muhila kwiwe.