1 Ndabhabwil' ukuli uwudachila mu mudyango w' uluhongole gw' intama, alikw' akulil' ahandi , uwo n' umusuma kandi n' igisambho. 2 Umwengele n' udya yinjila mu mudyango. 3 Uwo yugululigwa n' umunyezamu. Kand' intama ziwe zilamwumvila akazihamagala mu mazina yazo akazisohola hanze. 4 Iy' azisohoye hanze, iziw' azij' imbhele, n' izo ntama zilamukulikila kuko zimeny' ijwi dyiwe. 5 Uwo zitamenya ntizomukulikila, ahubwo zomuhunga, kuko ntizimeny' amajwi y' abhashichi.'' 6 Yes' abhabwil' uwo mugani, aliko ntibhasobhanukiwe n' ivyo yabhabwila. 7 Yesu yongela kuvugana nabh' ati ''Nukuli lelo ndabhabwila ni njewe mudyango w' intama. 8 Abhagiy' imbhele yanje bhosi n' ibhisuma hamwe n' ibhisambho, alikw' intamantizabhumvilije. 9 Ni njewe mudyango. Umuntu wesi yinjilila muli njewe niw' azolokoka; azokweinjila yongel' asohoke, maze yilonkel' ubwachi bwiza. 10 Igisumwa ntichoza kitazanwe no kwibha, kwicha hamwe no kwonona. Njewe naje kugila bhalonk' ubhugingo kandi bhabhulonke mu bwuzule. 11 Ni njewe mulagizi mwiza. Umulagizi mwiza yam' atang' ubhuzima bwiwe kubw' intama. 12 Alik' umukozi w' umuchangelo, uwo sichokimwe n' umulagizi, intama si gwiwe, n' iy' abhony' ibhitalagu bhij' asig' intama agakiz' amagala yiwe. 13 Maz' ibhitalagu bhikazifata bhikasabhagiza. Uwo yiluka kukw' al' umuchangelo w' umukozi, atokwitah' intama. 14 Ni njewe mulagizi mwiza, kand' abhanje ndabhamenya, n' abhanje bhalamenya njewe. 15 Dat' alamenya, nanje ndamenya Data, kandi ndatang' ubhuzima bwanje kubw' intama. 16 Halih' izindi ntama zanje zitali muli luno luhongole. Nazo nyene bhikwiliye yuko ndazizana, kugila zumv' ijwi dyanje, kugila habh' uluhongole lumwe hamwe n' umulagiz' umwe. 17 Iki nicho gituma Data ankunda. Ndatang' ubhugingo bwanje kandi nkongela kubwakila. 18 Nta muntu yobhunyaka, ni njewe ndabhutanga kukwishakila. Ndashobhoye kubhutanga, kandi ndashobhoye kubwisubhiza. Idyo tegeko nalihawe na Data.'' 19 Abhayuda bhongela gutandukanywa n' ayo majambho yiwe. 20 Bhamwe mulibho bhalavuga bhati ''Kubheliki mumwumviliza, ntimubhona yukw' afise dayimoni w' ibhisazi?'' 21 Abhandi bhalavuga bhati'' Ayo s' amajambho y' umunt' afis' abhadayimoni.Idayimoni dyobhohola guhumul' amaso y' impumyi? 22 Maze haz' umubhagwa mukulu wo kwezwa kwa Yerusalemu. 23 Hali mugihe ch' imbheho, maze Yes' agendela mulusengelo muchumbha cha Salomo. 24 Maz' Abhayuda bhalamwegela bhalamubwila bhati ''Uzokomeza kuduhisha kugeza dyali? Hamwe wobha uli Kiristo n' ubhitubwile. 25 Yes' alabhishul' ati ''Nalamaze kubhibhabwila ni mwebwe mutavyemela.Ibhikogwa nkolela mw' izina dya Data nivyo bhimvuganila. 26 Aliko ntimwokwizela kandi mutali mu ntama zanje. 27 Intama zanje zilameny' ijwi dyanje; ndazimenya kandi nazo zilznkulikila. 28 Nabhahay' ubhugingo bhuholaho; ntacho bhazokwigela bhabha, kandi ntawoshobhola kub hashikula mu mabhoko yanje. 29 Data yabhampaye niwe mukulu aluta bhosi, nta numw' afis' ubhushobhozi bwo kubhavana mu mabhoko ya Data. 30 Njewqe hamwe na Data tul' umwe.'' 31 Maze bhasubhila gutol' amabhuye ngo bhayamutele. 32 Yes' alabhishul' ati ''Nalamaze kubhelek' imilimo myiza iva kwa Data. Mul' iyo milimo n' umulimoki mushaka kuntelel' amabhuye?'' 33 Abhayuda bhalamwishula bhati '' Ntitwogutel' amabhuye kubw' ibhikogwa vyiza. aliko kubwo kulogotwa, ukigelelanya ukigil' Imana''. 34 Yes' alabhabwil' ati ,mu mategeko yanyu ntivyandichwe ngo ''Nalabhabwiye yuko mwebwe mul' utumana?'' 35 None ko yashobhoye kwit' utumana bhadya yahay' ijambho dyiwe(Kandi kw' ivyandichwe bhidashobhola guhinduka), 36 Mulabwila mute uwatumwe na Data hano mwisi ngo ''Ulalogotwa'' kuko nabhabwiye gusa yuko nd' Umwana w'Imana? 37 ''Ni nabha ntakol' obhikogwa vya Data ntimunyizele. 38 Aliko ninabh' alivyo nkola , mutanyizeye, ni mubhule mwizel' ivyo bhikogwa kugila bhi bhafashe kumenya yuko Data abha muli njewe nanje nkabha muliwe. '' 39 Bhongela kugelgeza gufata Yesu, alikw' abhava mu ntoke. 40 Uesu yongela kwelekeza hAakudya ya Yorodani hamwe Yohana yahol' abhatiliza agumayo. 41 Abhantu bhenshi bhaza kuli Yesu. Bhalakomeza bhalavuga bhati ''Yohana ntiyigez' akol' igitangaza na kimwe alikw' ivyo yavuze kwa uno muntu n' ivy' ukuli.'' 42 Abhantu bhenshi bhizelelayo Yesu.