1 Ni njewe Muzabhibhu w' ukuli kandi Data niwe yawuteye. 2 Ishamyi dyosi muli njewe litagil' ivyamwa alivanako, kandi lidya dyosi dyama alalitutulila kugila ligume dyama. 3 Aliko mwebwe mwalamaze kwezwa n' ubhutumwa bwanje namaze kubhabwila. 4 Ni mwame muli njewe nanje mbhe muli mwebwe. Kuko mwebwe ntimwokwama mutali muli njewe nkukw' ishamyi nadyo litokwama litali kumuzabhabhu. 5 Ni njewe muzabhibhu mwebwe nimwe mashamyi.Uwama muli njewe nanje muliwe niwe yam' ivyamwa vyinshi, kukw' atacho mwokwishobhoza mutamfise. 6 Umuntu wes' ataguma muli njew' atabwa hanze mkakudya kw' ishamyi kumilana; abhantu bhalayatolagula bhakayachana agahelengetela. 7 Ni mwemela kuguma muli njewe maze n' amajambho yanj' akabhabhamwo, muzonsabh' icho mwipfuza chochosi nzokibhakolela. 8 Iyo mwamy' ivyamwa vyinshi kandi mukabh' abhigishwa bhanje bhituma Data wanj' ashemagizwa. 9 Nkuko Data yankunze nikwo nanje ndabhakunda mwebwe; ni mwigumile mu lukundo gwanje. 10 Ni mwabha mwitondey' amategeko yanje namwe muzoguma mu lukundo gwanje nkuko nanje nitondey' amategeko ya Data nkaguma mu lukundo gwiwe. 11 Ivyi ndabhibhabwiye kugila bhibhazanil' umunezelo kandi muwugile mubwuzule. 12 Ili nidyo tegeko dyanje , yuko mwokundana nkukwo nanje nabhakunze mwebwe. 13 Ntiwolonk' ul;ukundo lukomeye nka luno gwo gukund' abhagenzi bhawe ukabhitangila. 14 Ni mwakulikiz' ivyo nabhategeche muzobha mwelekanye yuko mul' abhakunzi bhanje. 15 Mwebwe si nobhita yuko mul' abhaja kuk' umuja ntiyomeny' ivyo shebhuja wiw' akola. Ndabhise yuko mul' abhakunzi kuko nabhamenyesheje vyosi numvishije kuli Data. 16 Si mwebwe mwantolanije, ahubwo ni njewe nabhatolanije; nabhasizeho kugila mugende mwam' ivyamwa, kandi ntibhibh' ivyamwa bhikolagulika. Nikwo bhimeze kugila ngo ikintu chochosi muzosabha Data mw' izina dyanje akibhaheleze. 17 Nuko lelo ndabhategeche yuko bhul' umw' akunda mugenziwe. 18 Isi niyabhanka , mumenye yuko yabhanje kunyanka italabhanka mwebwe. 19 Iyo mwabha mul' abhyinosi, isi yali kubhakunda kuko mwobhaye mul' abhayo; aliko kuko mutal' abhayinosi kandi nabhatolanije hagati y' abhayinosi, nicho gituma bhabhanka. 20 Ni mwibhuke dya jambho nabhabwila nti 'Umuja ntiyosumbha shebhuja. ' Nibhabha bhalankoley' ibhibhi namwe nyene bhazobhibhakolela; Nibhabha bhalumvilij' ijambho dyanje namwe bhazokwumviliz' ijambho dyanyu. 21 Ivyo vyosi bhazobhibhakolela kubw' izina dyanje kuko bhatigeze bhamenya njewe hamwe n' uwantumye. 22 Iyo ntaza nkabhabwila bhobhaye bhadafis' ichaha; alik' ubhu ntacho bhokwileguza. 23 Uwunyanka wes' abha yanka na Data. 24 Iyo ntabha nalakoz' ibhikogwa bhilemeleye hagati yabho ntibhobhaye bhafis' ichaha ; aliko bhachumuye kabhili kuko bhalabhibhonye kandi bhongelako bhanka njewe na Data. 25 Ibhi vyabhayeho kugila hashichwe vyabhindi vyandichwe mu vyagezwe vyabho ngo 'Bhalanyanse bhampol' ubhusa'. 26 Igihe wa muhumuliza azobha yamaze kuza uwo nzobhalungikila kuva kwa Data, uwo ni Mpwemu w' ukuli, ava kwa Data, azomvuganila. 27 Kandi namwe mulamvuganila kuko twabhanye kuva mwitangulilo.