1 Ivyo ndabhibhamenyesheje kugila ntibhizobhachitaze. 2 Bhazobhatelela hanze y' amasinagogi yabho; igihe kilaje kugil' umuntu wesi abhagilila nabhi yibhaze ngo alaikw' alakol' igikogwa gishimish' Imana. 3 Ivyo bhazobhibhakolela kuko bhatamenya Data kandi nanje nyene ntibhamenya. 4 Ibhi ndabhibhabwiye kugila ni vyashika ntibhizobhatinyish' ahubwo muvyibhuke yuko nabhivuze. Ivyo sinabhibhabwiye guhela mbele kuko nali nkili kumwe namwe. 5 Naho ndiko ndgenda kuwali yantumye; nta numwe muli mwebw' alikw' alambhaz' ati ''Mbhes' ujahe? 6 Kuko ndabhib habwiye muchiye mugil' intimbha mu mitima yanyu. 7 Nukuli ndabhabwile ni vyiza kuli mwebwe ngiye , kuko ntagiye ntimuzohabwa wa mufasha; aliko ni ngenda nzomubhalungikila. 8 Uwo Mufasha ni yamala kuza azohishulil' isi kubhijanye n' ichaha, ukugololoka hamwe n' ulubhanza. 9 Kuvyelekey' ichaha kuko bhatanyizela. 10 kuvyelekey' ukugololoka kuko nsubhiye kwa Data kandi mutazosubhila kumbhona 11 Kandi kuvy' ulibhanza kuko wa mukulu wa yinosi yamaze guchigwak' ulubhanza. 12 Mfise vyinshi vyo kubhabwil' aliko ntavyomwomenya kwa kano kanya. 13 Aliko Mpwemu wu kuli ni yaza, azobhasholel' abahshile mu kuli kwosi; kuko ntazokwivuganila; aliko ivyo yumvishije vyosi nivyo azovuga.Azobhibhahishulila niyamala kuza. 14 Uwo niw' azonshemagiza, kukw' azotwa kuvyanje maz' abhibhamenyeshe. 15 Ivya Data vyosi n' ivyanje; nicho gituma ndabhabwiye yuko Mpemu azobhagabhulila kuvyanje akabhi~bhahishulila. 16 Mugihe gitoya ntimuzobha mumbhona kandi mugihe gito kindi muzokwongela mumbhone. 17 Bhamwe mu bhigishwa bhiwe bhalabhazanya bhati ''Asobhanuy' iki kutubwila ngo 'mugihe gito ntimuzombhona ngo kandi mugihe gito muzombhona kuko ngiye kwa Data?'' 18 Maze bhalavuga bhati ''Asobhanuy' iki ngo 'Hasigaye gatoyi''? Ntitwomeny' ich' avuze.'' 19 Yesu yamenye yuko bhipfuza kumubhaza maze alabhabwil' ati ''Ndabhona yuko muvyibhajijeho kuko nabhabwiye nti 'mugihe gitoyi ntimuzombhona kandi mugihe gitoyi muzokwongela mumbhone? 20 Nukuli mweho muzobha muliko mulabhologa mubhabhaye; alikw' abhisi bho bhazobha bhatwenga, muzobha mufis' umubhabhalo alik' uwo mubhabhalo uzohinduk' ibhitwengo. 21 Iy' umugol' ali mukuvyala abha abhabhaye kukw' igihe gishiche; alikw' amaze kuvyala ntavyo yi bhuka kubw' umunezelo wo kuvyal' umwan' akaza kwisi. 22 Namwe nyene kano kanya mulabhabhaye, aliko nzokwongela ndabhabhone, kand' imitima yany' ixokwongela kunezegwa kandi ntawuzobhanyag' uwo munezelo wanyu. 23 Icho gihe ntimuzokwongela kumbhaza na kimwe. Nukuli ndabhabwile, nimwasabha Data mwizina dyanj' azobhaheleza. 24 Kugez' ubhu ntacho mulasabha mwizina dyanje; ni musabhe namwe muzohabwa kugil' umunezelo wany' ugwililane. 25 Ubhu ndabhabwiye muvyo mutumva nez' aliko hal' igihe ntazovugila mubhichulika aliko nzovugila mu lulimi gwumvikana neza kuvyelekeye Data. 26 Uwo musi muzosabha mwi zina dyanje, kandi sindabhabwiye yukw' ali njewe nzobhasabhila kuli Data; 27 kuko Data nawe nyene alabhakunda kuko mwankunze mukizela yukw' aliwe yandungiche. 28 Navuye kwa Data maze nza kwayinosi, kandi ngila mve kwayinosi nsubhile kwa Data'' 29 Abhigishwa bhiwe bhalamubwila bhati ''Ubhu tulakwumva neza kuko ntuvugila mubhichulika. 30 Ubhu lelo tulamenye neza yukw' ata kinu wo hishwa, kandi ntiwolinda kubhazw' ibhibhazo. Nicho gitumye twizela yuko wavuye ku Mana. 31 Yes' alabhishul' ati ''Ubhu mulizeye?'' 32 Labha hal' isaha ilikw' ilaza mwesi muzo nsiga njenyene mwiluke bhul' umunt' achik' ivutu. Aliko si ndi njenka kuko ndikumwe na Data. 33 Ivyo ndabhibhabwiye kugila bhibhatel' amaholo. Kuko mwayinosi huzuy' imibhabhalo, aliko mwihumulize, njewe nalachinz' iyisi.