Igiche 14

1 ''Ntiwele yukw' umitima waw' uhungabhana.Wizel' Imana kandi nanj' unyizele 2 Munzu ya Data halimw' ivyichalo vyinshi vyo kubhamwo; iyo bhitabh' alivyo nali kubhikubwila , kuko ndagiye kugutegulil' aho kubha. 3 Ni mala kugenda nkabhategulil' ivyichalo, nzokwongela kuza kubhahamagala muz' iwanje, kugil' ahondi namwe mubheho. 4 Kandi mulaz' inzil' igend' iyonja. '' 5 Tomasi abhaza Yes' ati ''Mwami ku tutameny' iyulik' ulaja twoshobhola gute kumeny' iyo nzil' ijayo? 6 Yes' alamubwil' ati ''Ni njewe nzila, ukuli n' ubhugingo; ntawoshika kuli Data adachiye muli njewe. 7 Iyo mwabha mumenya njewe mwali kumenya na Data; guhel' ubhu no mubhihe bhiza mulamumenya kuko mwamaze kumubhona.'' 8 Maze Filipo abwila Yes' ati ''Mwami n' utweleke So wawe bhilabha bhimaze.'' 9 Yes' alamubwil' ati ''Iki gihe chosi tumalanye ntimuligela mumenya , Filipo? Umuntu wes' ambhony' abha abhonye Data; None bhigenze gute kuvuga ngo 'Tweleke Data'? 10 None ntimwizeye yuko ndi muli Data kandi na Dat' akabha muli njewe? Ivyo ndabhabwila si njewe ndavyivugisha; ahubwo ni Data ali muli njewe , niw' akol' iyi milimo yiwe. 11 Ni munyizele yuko ndi muli Data kandi nawe nyen' ali muli njewe; kandi ni mwizele n' imilimo yanje nkola. 12 Nukuli , nukuli ndabhabwila, uwunyizela wesi, azoshobhola gukol' iyi milimo nkola; kand' azokola n' ibhilenzeho kuko ndikwo ndasubhila kwa Data. 13 Icho muzosemnga chosi mw' izina dyanje, nzokibhakolela kugila Dat' ashemagilizwe mu Mwana. 14 Ni mwasabh' ikintu chochosi mw' izina dyanje , icho nzokibhakolela. 15 Ni mwabha mu nkunda muzokwitondel' amategeko nabhahaye. 16 Kandi nzosabha Data naw' azobhazanil' uwundi Mufasha kugil' azobhane namw' ibhihe bhidahela. 17 Uwo Mpwemu w' ukuli. Ntiyokwakigwa n' abho mwayinosi kuko bhatamubhona, kandi bhatamumenya. Aliko mweho mulamumenya, kukw' abhana namwe naw' azobha muli mwebwe. 18 Si nzobhasiga mwenyene ; nzokwongela ngaluke. 19 Mu gihe gitoyi, abha yinosi ntibhazombhona kandi, aliko mweho muzombhona. Kuko njewe mbhayeho namwe muzobhaho. 20 Icho gihe niho muzosobhanukigwa yuko ndi muli Data, namwe yuko muli njewe, kandi yuko nanje nyene ndi muli mwebwe. 21 Umuntu wes' afat' ivyagezwe nabhahaye niw' ankunda; kand' umuntu wes' ankund' azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda niyelekane kuliwe. '' 22 Yuda(Aliko si Isikariyote) abwila Yes' ati ''Mwami, none bhibhaye bhite kugila wiyelekane kuli twebwe gusa ntiwiyelekane kubhayinosi? 23 Yes' alamwishul' ati ''Umuntu wes' ankunda azokwitondel' ijambho dyanje. Na Data azomukund, kandi tuzoza muliwe tubhane nawe. 24 Uwutankunda wesi ntiyokwitondel' amategeko yanje. Ijambho dyo ndabhabwila si dyanje n' idya Data yandungiche kuza. 25 Ivyo ndabhibhabwiye nkili hagati yanyu. 26 Alik' uwo Mpwemu Yela , Umuhumuliza, uwo Dat' azolungika mw' izina dyanje , azobhigish' ibhintu vyosi kand' azobhibhuch' ibhintu vyosi nabhabwiye. 27 Ndabhahay' amaholo. Simbhahaye nkukw' abhayinosi bhayatanga. Ntimwinjiz' imitima yanyu mubhiyihungabhanya n' ibhitela bwobha. 28 Mwalumvishije yuko nabhabwiye nti 'Ndagiye kandi nzokwongela ngaluke kuli mwebwe'. Iyo mwabha mu nkunda mwali kudyohegwa kuko ndiko ndagenda kwa Data , kandi Data niwe mukulu kuli njewe. 29 None lelo ndabhibhabwiye bhitalabhe kugila ni vyabhaho, mushobhole kwizela. 30 Si nongela kubhabwila vyinshi kuk' umukulu wa yinosi alaje. Nta nkomez' anfiseko. 31 Aliko kugil' abhayinosi bhamenye yuko nkunda Data, nkol' icho Data yambwiye, nkuko yantegeche. Ni muhaguluke tuve hano hantu.