1 Maz' umusi mukulu wa Pasik' utalashika , kandi Yesu yamenya neza yukw' igihe chiwe cho kuva mwisi no gusubhila kwa Se kigeze, kandi yali yakunz' abhiwe bhali mwisi abhakunda bhihebhuje. 2 Kandi Satani yali yamaze kwinjizwa mu mutima wa Yuda mwene Isikariyote, umwana wa Simoni kugil' amugulishe. 3 Yesu yalimenya neza yuko Se yasize vyosi mumabhoko yiwe kandi yuko yavuye ku Mana kand' akabh' agil' asubhile ku Mana. 4 Yahaguluche mugihe ch' ifungulo, asas' umwambhalo wiwe hasi. Maz' afat' igitambhala alagikenyela. 5 Maz' ashil' amazi mw' ibhakule abhanza kwoz' amagulu y' intumwa yongel' abhumukish' igitambhala yal' akaenyeye. 6 Agela kuli Simoni Petero, maze Petero naw' alamubwil' ati ''Mwami wobh' ushaka kunyoz' amagulu yanje?'' 7 Yes' alamwishul' ati ''Icho ndimwo ndakola ntushobhola kukimeny' aliko hanyum' uzokimenya'' 8 Petero alamwishul' ati ''Sinokwemelela yuk' unabhish' amagulu yanje''. Yes' alamwishul' ati ''Ni wabhona ntakwogeje ntacho tuzobha dusangiye nawe''. 9 Simoni Petero alamubwil' ati ''Mwami ntiwoz' amagulu yanje gusa ahubwo woze n' amabhoko hamwe n' umutwe wanje''. 10 Yes' alamwishul'ati ''Umuntu wesi yamaze kwiyoza ntiyosubhila kwoga ahubwo kunabh' amagulu yiwe , kand' abha yejejw' umubhili wosi. Mwebwe mwalejejwe, alaiko si mwesi.'' 11 Kuko Yesu yalameny' uwuza kumugulisha; nicho chatumy' avug' ati si mwese mwejejwe.'' 12 Yes' amaze kubhanabhish' amaguly yabho kand' amaze kwambhala hamwe no kwichala, alabhabwil' ati ''Mwobha mwasobhanukiw' icho nabhakoleye? 13 Mulampamagala ''Mwigisha'' ikindi gihe 'Umwami' kandi muvug' ukuli kuko nikwo ndi. 14 Mugihe njewe nd' Umwami n' Umwigisha ndabhanabhishij' amagulu yanyu, namwe nikwo mukwiliye kunabhisha bhagenzi bhanyu. 15 Kuko ndabhelech' ishusho kugila mukole nkukwo ndabhakoleye. 16 Nukuli ndabhabwila neza yuk' umuj' adasumbha shebhuja; kand' intumwa ntiyosumbh' uwayitumye. 17 Uwubhisobhanukiw' azobh' ahezagiwe niyabhikola. 18 Si mvuze kuli mwebwe mwesi kukw' abho natoranije ndabhamenya neza, aliko ndabhibhabwiye kugil' ivyandichwe bhisohozwe ngo '' Uwo twasangiye niwe yahindukiliye kunkatagila''. 19 Ibhi ndabhibhabwiye bhitalashika kugila nivyabhaho muzokwizele yuko NDIWE. 20 ''Nukuli, nukuli uwunyakila wesi yakil' uwontumye kandi kand' uwunyakila wesi yakil' udya yantumye'' 21 Amaze kubhivuga yagiz' umubhabhalo mwinshi mu mutima wiw' alabhabwil' ati ''Nukuli, nukuli muli mwebwe halmw' uwuza kungulisha.'' 22 Abhigisha bhiwe bhalatangala , bhosi bhalabhana kugila bhamenye nind' aza kubhikola 23 Mulibho halih' uwo yakunda chane kandi yali yegamiy' ulubhavu gwiwe mugatuntu. 24 Simoni Petero alabwila wa mwigishwa ati ''Tubwile wobh' umeny' uwo munt' avuzwe ninde! 25 Maze wa mwigishwa yegamiye Yes' alamubhaz'ati ''Mwami uwo muntu ninde?'' 26 Yes' alamubwil' ati ''Uwo nza guhelez' ilobhe nkamuheleza niwe. Amaze gutol' umukate ahelez' ilobhe Yuda mwene Simoni Isikariyote. 27 Amaze kumuhelez' idyo lobhe, Satani alamwinjila. Maze Yes' alamubwil' ati ''Ivy' ukola ubhigile na ningoga'' 28 Nta muntu numwe ngaho yameny' ich' abhivugiye. 29 Bhamwe bhiyumvila ngo nukubhela Yud' aliw' abhich' umufuko wa mahela bhati wosanga Yes' amubwiy' ati ''Gul' ibhintu dukeneye kubw' umusi mukulu'' chankw' ati 'ugil' ich' uhelez' abholo' 30 Yud' amaze kwakila dya lobhe yasohoche na ningoga kandi hali mwijolo. 31 Yud' amaze kuvaho Yes' alabhabwil' ati ''Ubhu lel' Umwana w'Umunt' alashemagijwe kandi n' Imana nay' ishemagilijwe muliwe. 32 Iman' ilamushemagiliza muliyo kand' ilamushemagiza vubha chane. 33 Bhana bhatoyi tulachali kumwe gatoyi; muzondondela nkukwo nabwiy' Abhayuda, 'Iyo ngenda mwebwe ntimwozayo', namwe nicho nyene ndabhabwiye. 34 Ndabhahay' itegeko lishasha, yuko Mukundana; kudya njewe nabhakunze mwebwe, mubh' alikwo namwe mukundan' ubwanyu. 35 Ivyo bhizotum' abhantu bhamenya neza yuko mul' abhigishwa bhanje, ni mwagil' ulukundo hagati yanyu muli mwebwe.'' 36 Simoni Petero alamubhaz' ati ''Mwami ulik' ulajahehe? Yes' alamwishul' ati ''Iyo ndiko ndaja ntiwoshobhola kujay' ubhu alaiko munyuma yanj' uzoza'' 37 Petero alamubhaz' ati ''Mwami ni kubhel' iki ntogukulikil' ubhunyene? Njewe nzokwitanga kubwawe'' 38 Yes' alamwishul' ati ''Wew' uzotang' ubhugingo bwawe kubwanje? Nukuli lelo ndakubwile neza, isake nt' iza kubhika wew' utalanyihakana gatatu.''