Igiche 12

1 Imibhagwa mukaga Pasik' italashika , Yes' agend' Ibhetaniya , kandi na Lazaro, uwazuwe mubhapfuye. 2 Maze bhamutegulilay' ifungulo dy' umugolobha kandi Marita naw' alamukolela,kandi na Lazaro yali muli bhadya bhatumiwe kw' ifungulo hamwe na Yesu. 3 Maze Mariy' atol' ichupa dy' amavuta y'igichilo amotelana neza, ayasiga Yesu kumagulu, amwogesh' umushachi wiwe; inzu yosi yuzula gutamilana. 4 Yuda Isikariyoyte umwe wo mubhigishwa kandi aliw' azomugulish' alabhabwil' ati 5 ''Kubhel' iki aya mavuta y' igichilo kinini atagulishijw' akava mw' idenaliy' amajan' atatu bhagahabw' abhakene?'' 6 Kandi ntiyabhivugishijwe no gukund' abhakene ahubwo kuko yal' igisuma: Niwe yabhik' isaho dya mahela kandi yaz' alibhamwo muvyo bhabhikamwo kubwiwe. 7 Yes' alamwishul' ati ''Mulek' atang' ich' afise kubwu mubhagwa wo kuzikwa kwanje'' 8 Abhakene muzokwaman' imibhagwa yosi aliko njewe ntituzoholana mu mibhagwa yosi.'' 9 Ikolanilo linini dy' abhayuda bhamenye yuko Yesu yaje maze bhalaza si kubwo kulabha Yesu gusa ahubwo ha,mwe no kulabha Lazaro yazuwe na Yesu mubhapfuye. 10 Maz' abhakulu bh' abhahelezi bhalondel' ukwo bhokwicha Lazaro; 11 kuko kubwiwe bhenshi mu bhayuda bhalaza bhagacha bhizela Yesu. 12 Bhukeye bwaho abhantu bhenshi bhalaje kumunsi mukulu. Bhamaze kwumva yuko Yes' aza kuz' Iyerusalemu, 13 bhali bhitwaj' amashamyi y' ibhisanda~sanda bhamusanganila bhavuz' ugwamo chane bhati Hoziyana! Halahiliw' uwuje mwizina dy' Imana, Umwami wa Isirayeli.'' 14 Yesu yalons' umwana w' indogobha alamwulila nkuko vyandichwe ngo 15 Ntutinye yewe mukobwa w' Isiyoni; kuk' Umwami wawe alaje yuliy' umwana w' indogobha.'' 16 Abhigishwa bhiwe vyabhanje kubhagola kubhiso~bhanukigwa ; aliko Yes' amaze gushemagizwa bhibhuka yukw' alivyo yandikiwe nuko vyakozwe kubwiwe. 17 Maze wa mugwi wa bhabhandi bhaliho chagihe yahamagala Lazaro ngw' asohoke kuva mw' izikilo bhabhibwila bhagenzi bhabho. 18 nKandi nicho chatumye bhenshi bhaza kumwakila kuko bhali bhumvishij' icho gitangaza yakoze. 19 Abhafarisayo bhalavugana bhalidodombha bhati Labha lelo ntacho mugishobhola kumukola ; ehe labh' isi yosi yasidukiy' inyuma yiwe.'' 20 Kandi mubhaliko bhalagenda gusenga kumusi mukulu halimw' abhagiliki. 21 Abho bhasanga Filipo w' Ibetisayida ya Galilaya, bahalamusabha bhati ''Mugenzi twebwe tulipfuza yuko twobhonana na Yesu.'' 22 Maze Filipo alagenda abhibwil' Andereya ; maze Andereya na Filipo bhagenda kubhibwila Yesu. 23 Yes' alabhabwil' ati ''Igihe kilashiche kugil' Umwana w' Umunt' ashemagizwe. 24 Nukuli ndabhabwile yukw' imbhuto y' ingano itaguye mubwondo ikabhanza kubhola, yigumila gutyo yonka; alikw' iy' ibhoze niho izan' ivyamwa vyinshi. 25 Umuntu wes' akund' ubhugingo bwiwe niw' azobhutakaza; alik' uwutang' ubhugingo bwiwe mwa yinosi niw' azobhushila mu mabhoko kugeza mubhugingo bhudashila. 26 Umuntu wesi ni ya nkolela njewe, abhanz' ankulikile; kandi nanj' ahondi nih' umukozi wanj' azobha. Umuntu wesi ni yankolela, Data wanje azomwubhaha. 27 Ubhu lelo numv' umutima wanj' ubhabhaye: None mvug' iki? 'Data undokole mwa yino saha? Aliko kino nicho chatumye ngeza kwa yuno mubhagwa. 28 Data niwubhahish' izina dyawe'' . Maze humvikan' ijwi mwijulu livuga liti ''Ndadyubhahishije kandi nzodyubhahisha'' 29 Maz' abhali luhande yiwe bhaladyumva, bhavuga bhati habhayeh' umutulagalo. Abhandi bhati ''Malayika nkiw' avuganye nawe'' 30 Yes' alishul' ati ''Idyo jwi ntidyaje kubwanje ahubwo kubwanyu'' . 31 Ubhu lel' ulubhanza gwa yinosi lulashikijwe: Umukulu wa yinos' agil' atabwe hanze. 32 Nanje ninamala gushigwa hejulu ya inosi, nzokwega bhenshi.'' 33 Ybhivuze yelekan' ulupf' azopfa. 34 Ikolanilo bhalishula bhati '' None ko twebwe twigishijwe mu mategeko ngo ''Kiristo azokwamah' imisi yosi. Naw' uvuga gute ng' Umwana w'Umunti bhikwiliye yukw' abhambhwa? Uwo Mwana w' Umuntu yobh' alinde? '' 35 Maze Yes' alabhabwil' ati '' Ubhu halachalih' umucho gatoya. Ni mugende hakil' umucho, kugila ntimuzomigwe n' umwiza. Uwu gendela mu mwiza ntameny' iyaja. 36 Mulachafis' umucho ni muwizela kugila mwitw' abhana bh' umucho. Yesu yalabhib habwiye maz' achagenda kwinyegeza kugila ntibhamubhone. 37 Naho Yesu yakoley' imbhele yabh' ibhitangaza vyinshi aliko ntibhamwizeye. 38 Kugila dya jambho dyavugwa na Yesaya lishike ngo ''Data mbhesi ninde yakiliy' inkulu zachu?Kand' ukubhoko kw' Umwami kwa hishuliwe nde?'' 39 Nicho chatumye bhatizela kuko Yesay' avug' ati 40 Yabhahumy' amaso kandi yagumishij' imitima yabho; ntibhazobhonesh' amaso yabho bhakamenyesh' imitima yabho, bhagahava bhihana nkabhalokola.'' 41 Yesaya yabhivuze kuko yabhony' ubwiza bwa Yesu yongelakw' avug; inkulu zabwo. 42 Aliko n' abhatwale bhenshi bhalamwizeye Yesu; aliko kubw' abhafarisayo ntibhibhonekeje kuko bhatinya yuko bhabhabhinga mw' isinagogi. 43 Bhakunda gushimwa n' abhantu bhanka gushimwa n' Imana. 44 Yes' alasemelel' ati ''Uwu nyizela wesi ntabha yizeye njewe gusa ahubw' abha yizeye n' iyantumye, 45 kand' umunt' mbhony' abh' abhony' uwantumye. 46 Njewe naje kubh' umucho mwisi kugil' umuntu wes' anyizela ntagendele mu mwiza. 47 Alik' umuntu wesi yumv' amajambho yanj' akayagaya, njewe si ndamuchilak' ulubhanza; kuko sinazanwe no guch' imanza mwisi, ahubwo kulokol' isi. 48 Uwunyanka wesi kandi ntiyemel' amjambho yanje, alafis' ikimulega: ijambho navuze nidyo lizomuchil' ulubhanza kuli wa musi w' ihelezo. 49 Kuko ntavyivugishije. Kuko Data yantumye niw' ambwil' ivyo novuga vyosi. 50 Kandi ndamenya neza yukw' itegeko dyiw' alidyo bhugingo bhuholaho; nuko lel' ivyo mvuga , ndabhivuga nkuko Data yambwiye nikwo mvuga.''