Sura 14

1 Londa ulukundo no kwifpuza chane ingabile za mutima musumbilize kuvuga ubutumwa. 2 Kubela udya avuga kundimi ntavuga nabantu aliko avuga ni Mana. Kubela nta wumenya kubela avuga amajambo ginyegeje muli mutima. 3 Ali wene udya avuga ubutumwa, avugana na bantu no kububaka, kubahumuna umutima, no kubafariji. 4 Wene uvuga kundimi yiyubaka wenen nyene , aliko udya avuga ubutumwa yubaka Ikanisa. 5 None ni mwifpuze yuko namwe mwese mwovuga kundimi. Aliko kisumba vyose, nifpuza yuko mwovuga ubutumwa. Udya avuga ubutumwa ni mukulu kuliko (udya avuga kundimi laba babeho abo kusobanula) Kugilango ikanisa lishobole kubakwa. 6 Aliko ubu, bakaka naba dada banje ninaza iwanyu nkavuga kundimi ndoba malila iki mwebwe? Sishobola, ahubwo mvugana namwe kunzira yivyo nelechwe au kunzira yubwenge, au kuvuga ubutumwa au kunzira yinyigisho. 7 Nimba ibintu bitafishe ubuzima nki filimbi au umwilonge bita vuze amasauti gatofauti yanye, vyomenyekana kute ni chombo ichahe kitambwa? 8 None lelo nimba inzamba yovuga isauti itamenyekana, bimeze kute umuntu kumenya yuko alumwanya wo kwitegulila intambula? 9 Uko niko namwe muvuza kululimi ijambo lita bonwa, ni kute umuntu azomenya chomuvuga? Muzo hola muvuga, ntawuzo menya vyo muvuze. 10 Nta kukekelanya yuko hali ndimi nyishi zitandu kanye muliyisi ntana lumwe lutafishe akamalo. 11 Aliko nimba ntamenya kivugwa mululimi, ndoba umugenyi kudya, na wene uvuga aloba umugenyi kuli jewe. 12 Uko niko namwe kubela mwifpuza chane kubona ukwele kwa kumutima ni mshake chane kusumbiliza kubaka ikanisa. 13 Uko nudya avuga kululimi na sabe ahabwe kusobanula. 14 Kukubela nsenze kululimi umutima wanje ula ula senga aliko ubwenge bwanje ntibufishe amatunda. 15 Nkoli ki? Ndosenga kumatima wanje, aliko kandi ndosenga kubwenge bwange. Ndo lilimba kumutima wange nongele ndilimbe kubwege bwage kandi. 16 Hanyuma yivyo ushimila Imana muli mutima udya alumugenyi azo kwikiliza kute "Amina" ulimwo washima, alamenya ivyo uvuga? 17 Kubela ni sawa wewe ulimwo ulashima neza, aliko yudya yundi ntiyubakwa. 18 Ndashimila Imana kukubela ndavuga kundimi kubasumvya mwebwe mwese. 19 Aliko mwikanisa ndofpuma mvuga amajambo atanu yubwenge bwange kugila ndigishe abandi, kusuvya kuvuga amajambo ibihumbi cumi kululimi. 20 Bakaka na badada bange, ntimube abana mukwiyumvila kwanyu. Ahubwo kubijanye na kakiza ni mubenka bana bato. Aliko mukwiyumvila kwanyu ni mube abantu bakuze. 21 Bilandichwe mwitegeko, "Kubantu bulundi lulimi no kuminwa yabagenyi ndovuga na babantu. Ntaho nuko ntibalonyumva," alavuga umwami. 22 Uko nije ndikimenyecho, sikuli badya bizeye, ahubwo ni kuli badya bati zera. Aliko kuvuga ubutumwa ni kimenyecho, sikuli badya batizera, ahubwo ni kubela kwa badya bizera. 23 Haya nimba ikanisa dyose ya kwanyiche hamwe bose nibavuge kundimi na bagenyi nabatizera bingiye mbe ntiba shobola kuvuga yuko mufishe ibisazi? 24 Aliko ni mwaba mwese muvuga ubutumwa nutizera au umugenyi akingila, azohanugwa nivo yumva azochiligwa ulubanza ni bivugwa. 25 Amabanga yumutima wiwe yosizwe habona. Ichovuyemwo, yoguye yubamye akasenga Imana. Yokwemeye yuko Imana ili muli mwebwe. 26 Nikiki kikuli kila basi bakaka naba dada bange? Muhuye hamwe kila yumwe afishe zaburi, inyigisho kwelekwa, indimi au insobanulo. Kola kila kintu kugila ngo mwubake ikanisa. 27 Kimba wewese avuga kundimi habeho babili au batatu kila yumwe kwizamu. Numuntu lazima asobanule ichavuzwe. 28 Aliko nimba ata muntu wokusabanula, basi kila yumwe mulibo nanume mwikanisa. Basi kila yumwe navuge wenyene Kumana. 29 Naba vugishwa babili au batatu bavuge abandi bumvilize bakuli kilana kidya chavuzwe. 30 Aliko uwikaye yelechwe ijambo mukikigwa yudya yalimwo alavuga kundimi na nume. 31 Kubela kila yumwe muli mwebwe alashobola kuvuga ubutumwa bumwa hanyuma yuyundi kugila ngo kila yumwe ashobole kwiga na bose bahumuzwe mumutima. 32 Kubela imitima yabavuga butumwa ili hasi yubulevyi bwaba vuga butumwa. 33 Kukubela Imana si mana yumuvulugano, aliko niya maholo nkiko bimeze mumakanisa yose ya bizera, 34 Bashakigwa aba gore bagume bamunye mwikanisa. Kubela ntiba lekuliwe kuvuga ahubwo, bashakigwa kunyenyekeya, nkiko kandi itegeko livuga. 35 Nimba hali kintu chochose bifpuza kwiyigisha, basi ni bababaze bagabo babo muhila. Kukubela ni kimalamaza kumugore kuvuga mulikanisa. 36 Mbe ijambo dyi mana dyavuge iwanyu? Mbe dyasohoye kuli mwebwe kusa? 37 Nimba umuntu yibona kwa lumuvuga butumwa auwo mumutima ashakigwa amenye amajambo ndabandikila yuko alamategeko yumwami. 38 Aliko atamenye ibi, muleke ntazo menyekane. 39 Uko lelo, bakaka na badada bange shake chane kuvuga ubutumwa, ntimubuze umuntu wewese kuvuga kundimi. 40 Aliko ibintu vyose bikoleke kubwiza no kubutaratibu.