Isura 5

1 Nuko nabwenye mu kuboko kw'iburyo kw'uwari wikeye kuri ya ntebe y'Ubwami , igitabo candikirwe mu ndani n'inyuma kandi kiriho amakashe arindwi . 2 Nuko nabwenye Malaika ukomeye , arikubaza mu jwi rinini rireyi ngo : Ni nde ukwiriye gufungura kiriya gitabo , no kuvanaho gariya makashe ? 3 Nta numwe wo mu juru , cangwa wo mu sii cangwa uwo mu kuzimu washobweye gufungura ico gitabo cangwa kukireba mo. 4 Nuko ndarira cane kubera ko ntanumwe wabonetse ukwiriye gufungura ico gitabo cangwa ngo akirebemo . 5 Nuko umwe muri ba bakambwe arambwira ngo : were kongera kurira , reba intare yo mu muryango gwa Yuda , kandi wo mu gitsitsi ca Dawidi , yaratsinze kugira ngo ufungure ca gitabo n'amakashe gaco garindwi . 6 Nuko nabwenye hagati ya ya ntebe na bya binyabuzima bine , kandi hagati ya ba bakambwe, Umwana w'Intama ahageze gusa nu watambwe , ufite amahembe garindwi na maso garindwi ariyo y'umyuka irindwi y'Imana itumaga kuyija musi yose . 7 Nuko arayija , akura ca gitabo mu kubuko kw'iburyo kw'uwikeye kuri ya ntebe y'ubwami . 9 Kandi baribari kuririmba indirimbo nshasha, barikugamba ngo : urakwiriye gushikira ico gitabo , no gufungura ago makashe kuberako ari wowe watambwe , ni wowe wacunguriye Imana abo mu muryango yose no mu ndimi zose no mu bwoko bwose , no mu mahanga gose , wabacunguje amaraso ga wowe . 10 Wabahinduye abami n'abatambyi b'Imana kandi bakategeke no gutwara musi . 11 Narindi kureba , nuko numva amajwi g'abamalaika akangari bazungurutse intebe y'ubwami Bari imamiliyoni , na ag'ibinyabuzima na g'abakambwe badashobwewe kubarwanira barikutirimba mu jwi rireyi ngo: ubutunzi , n'ubwenge , icubahiro , guhimbazwa , n'ishimwe . 12 Bagambaga n' ijwi rireyi ngo : Umwana w'intama watambwe niwe ukwiriye guhabwa ubutware , ingufu , ubukire, n'ubwenge , icubahiro , guhimbazwa , n'ishimwe . 13 Nuko nayumvishije ibyaremwe byose biri mu juru , n'ibiri musi , ikuzimu , no mu ngezi n'ibirimo byose birikugamba ngo : Uwikeye ku ntebe y'ubwami , n'Umwana w' Intama , bahamwe ishimwe , icubahiro , no guhimbazwa , n'ingufu imisi yose . 14 Na bya binyabuzima bine birikiriza ngo : Amina. Noho ba bakambwe bikikubita hasi barikuramya Imana n' intama.