1 Hanyuma yivyo Yesu yaliyelekanye kubhigishwa bhiwe kukiyaga Tiberiya, uku nikwo vyagenze 2 Simoni Petero yali hamwe na Toma uwo bhatazila Didimasi ,Nathanael w' Igalilaya abhahungu bha Zebedayo hamwe n' abhandi bhigishwa bhabhili bha Yesu. 3 Simoni Petero alabhabwil' ati '' Njewe ngiye kulobh' ifi'' nabho bhalamwishula bhati '' natwe tulajana nawe'' Bhalagenda bhinjila mu bwato aliko mwidyo jolo nta nakimwe bhalonse. 4 Bhukeye mugatondo Yes' ahagalala ku nkombhe alikw' abhigishwa ntibhamumenya yukw' ali Yesu. 5 Maze Yes' alabhabwil' ati Bhasole mwobha mufise ichochosi cho kudya? nabho bhalishula bhati ''Oya ntacho dufise'' 6 Alabhabwil' ati ''Ni mutelel' ub hutimbha bwany' ibhudyo namwe mulalonka'' Nukwo lelo bhatelelamwo bwa bhutimbha, bhananigwa kubhukwega kuko halimw' ifi nyinshi. 7 Wa mwigishw' akundwa na Yes' abwila Peter' ati ''N' Umwami'' . Maze Simonin Petero amaze kwumva yukw' al' Umwami, yambhala ningog' umwambhalo (Kuko ntiyali yambhaye neza), maze yivulunga mu kiyaga. 8 Bha bhigishwa bhasigaye bhaza mu bwato(Kuko bhali mu ntambhuko zigel' ijana kuva ku nkombhe) nao bhaza bhakwega bwa bhutimbha bwuzuy' amafi. 9 Bhagez' imusozi bhasangah' umulile waka hatazekw' ifi hamwe n' umukaye. 10 Yes' alabhabwil' ati '' Ni muzane zimwe mu masamaki muvuye kulobha''. 11 Maze Simoni Petero alulila azana bwa bhutimbha bwali bwuzuy' isamaki zinini, aliko ntibwatabhuche. 12 Yes' alabhabwil' ati ''Ni muze mukole kumunwa'' Kandi nta numwe mubhigishwa yagelageje kumubhaz' ati ''wew' ulinde''? Bhamenye yukw' al' Umwami. 13 Yes' alaz' atola wamukate, maz' alabhaheleza kand' akola gutyo no, kuli za samaki. 14 Bwal' ubwagatatu Yesu yiyelekana kubhigishwa bhiw' amaze kuzuka mu bhapfuye. 15 Amaze gufungula , Yes' abhaza Simoni Petero ati ''Simoni Mwene Yohana, mbhes' ulankunda gusumbha bhano? Petero alishul' ati ''Yego Mwami; wew' ulazi nezayuko ndagukunda.'' Yes' alamwishul' ati ''Gabhulil' inyagazi y' intama zanje''. 16 Asubhil' ubwakabhili, alamubhaz' ati ''Simoni mwene Yohan' ulankunda?'' Petero alamwishul' ati ''Yego Mwami ;wewe nyen' ulazi yuko ndagukunda, Yes' alamwishul' ati ''Gabhulil' intama zanje.'' 17 Yongela kumunbwil' ubwagatatu ati ''Simini mwene Yohana, wobh' unkunda gusumvya bhano bhosi? Petero bhilamubhabhaza chane kuko yongeye kubhimubhaza ngo ''Mbhesi wewe wobh' unkunda?. Maz' alamwishul' ati ''Mwami wew' umenya vyosi; ulazi yuko ndagukunda''. Yes' alamubwil' ati ''Gabhulil' intama zanje.'' 18 Nukuli ndakubwile neza yuko chagihe wal' umusole waliyambhik' ukagenda bhul' ahantu hosi washaka; aliko ni wamala kubh' umutama uzogolol' amabhoko, kand' uwundi munt' azokujan' ah' udashaka kuja.'' 19 Yesu yabhimubwiye yelekan' ulupfu Petero azopf' ashimish' Imana. Amaze kubhivuga maz' abwila Petero ati ''Nkulikila''. 20 Petero yalahindukiy' abhona wa mwigishwa yakundwa chane na Yes' alaikw' alabhakulikila- kand' uwo yali yegamiye mugatuntu kwa Yesu kuli dya sangilo dy'a kakagolobha yabhaza Yes' ati ''Mwami uwuza kukuguza ninde?'' 21 Peter' amubhony' abhaza Yes' ati '' Mwami , non' uw' azokol' iki?'' 22 Yes' alamwishul' ati ''Mbhaye nshache yukw' abaho kugeza ngaluche , non' ivyo bhila kulabha?Nkulikila. 23 Maz' iyo nkul' ikwilagila mulibho, yuk' uwo mwigish' atazopfa. Aliko Yesu ntiyabwiye Petero nguwo mwigishwa ntazopfa. Yavuz'ati '' Mbhaye nshaka yukw' agumaho kugeza ngaluche wewe bhilakulabha?'' 24 Uwu niwe mwigish' abhishingil' intahe, kandi niw' avyandiche kand' intahe yiwe n' iy' ukuli. 25 Haliho vyinshi chane vyakozwe na Yesu. Iyo vyandikwa vyosu nibhaza yukw' isi itali gukwigwa n' ibhiytabho vyali kwandikwa.