Sura 3

1 Petro na Yohana baliko bagenda kwikanisa kusenga isaha mwenda. 2 Halu muntu yamugaye kuva akivuka bala mutelula kila musi baka mudyamika kumudyango wi kanisa witwa dyiza kugila asege abantu bingila mwikanisa. 3 Abonye Petro na Yohana begeye kwingila mwikanisa ya baseze bamuhe. 4 Petro amuhanga amaso hamwe na Yohana alamubwila tulabe twebwe. 5 Ikimuga kila balaba kilegeleje kulonka ikintu kuva kuli bene. 6 Aliko Petro avuga, "Amahela ni zahabu njewe simfihse aliko cho mfishe ndakuha mwizina dya Yesu Klisto wa Nazareti tambula." 7 Petro amufata ukuboko kwiwe kuburyo, alamuhagulucha, ahonyene amagulu yiwe ni ngingo za magufa yiwe bicha bila lonka inguvu. 8 Ala simba hejuru, umuntu wikimuga yala hagaze atangula kutambula acha yingila mwikanisa hamwe na Petro na Yohana, atambula asimba ashimila Imana. 9 Abantu bose babonye atambula ashimila Imana. 10 Bacha bala menya yuko yali wa muntu yikala kumunyango dyiza wikanisa asega balumigwa balatangala kubela kidya kibaye kuliwe. 11 Uko yali yafashe Petro na Yohana abantu bose hamwe bilukila munyindinzu yitwa ya Suleimani, batangaye chane. 12 Petro abonye ivyo, wene alishula abantu, "mwebwe bantu ba Israeli, ni kuki mutangala? Ni kubeliki mutuhanga amaso nkiko twebwe alitwe twatumye uyu atambula kunguvu zachu au Ubutakatifu bwachu?" 13 Imana ya Ibrahimu, niya Isaka nya Yakobo yaba Daha bachu, yashimagije umukozi wayo Yesu. Uyu niwe mwatanze Mula mwihakana imbele ya Maso pilato, niho wene yali yamuwe kumulekula. 14 Mwanse umutakatifu kandi mugololochi hunyuma yaho musega abalekulile umwichanyi. 15 Mwebe mwalishe umwami wubu zima wimana yazuye kuva mubapfuye twebwe tulivyabona kwiyo. Kukwizera mwizina dyiwe, uyu muntu mubona mumenya, yahawe inguvu. 16 Kukwizera kuhitila kuli Yesu kwa muhaye wene ubuzima bukwiye imbele yanyu mwese. 17 None bagenzi ndamenya yuko mwakoze kubufela, iko kandi bakoze abatwazi banyu. 18 Aliko ibintu vyi Mana yaba bwiye kela kuminwa ya bavugishwa bose, yuko uyo Klisto aloteseka, none yabosohoje. 19 None ubu, mwihane muhindukile, kugila ngo ivyaha vyanyu biveho kabisa kugila haze ikihe cho kunezegwa kukuza kumwami. 20 Kugila ashobole kumutima Klisto yamaze kushigwaho kubela mwebwe Yesu. 21 Wene niwe alilazima ijuru limwakile mpaka kushicha ikihe bilogaluzwa ibintu vyose, Imana yavuze kuva kela kuminwa ya bavugishwa batakatifu. 22 Ukuli Musa yalavuze, "Umwami Imana lilo hagulucha umuvugishwa nkange kuva mulibene wanyu. Mulo mwumviliza kila kintu alobabwila mwebwe. 23 Hazogelaho kila muntu atumviliza uyo muvugishwa uyo azolandugwa kabisa avehagati ya bantu. 24 Abavugishwa bose kuhela kuli Samweli na badya bakulikiye hanyuma yiwe balavuze batangaza izi misi. 25 Namwe mulabana babavugishwa na bisezelano Imana yakoze hawa na bababu, nkiko yavuze na Abrahamu kumbuto yawe imidyango yose yo musi izohezagigwa. 26 Imana imaze kuhagalicha umukozi wayo bwambele ya mutumye iwanyu kugila abahezagile mwebwe kukuhindukila muve mububi bwanyu.