Sura 6

1 Badya bose bali hasi yo kugabwa nkabashumba ni bitwala like bashebuja nkaba kwiliye kubawha, bashakigwa kukola kutyo kugila izina dyimana ni nyigisho ntizitukwe. 2 Abashumba bafishe bashebuja bizeye ntibabagaye kukubela bene ni benewabo. Hanyuma yaho babakole kusumbilizaho. Kubela bashebuja bafashwa ikazi zabo na bizeye bala kundwa. Igisha wongele utangaze aya majambo. 3 Ni haba umuntu yigisha azimiza atakila ibimulogola kuva iwachu vyizegwa alivyo majambo yu mwami wachu Yesu Klisto, ni haba batemela inyigisho ilongola mubwela. 4 Uyo muntu alishima ntamenya chochose, hanyima yaho, ntiyumvikana numuhalilizi hejuru ya majambo. Aya majambo avyala inzigo, kugwana, kutukana, nibindi bibi. 5 Ukutumvikana kenshi kenshi hagati ya bantu bubwenge bwononekaye. Bachabaheba ukuli. Biyumvila yuko ubwela alinzila yo kuba abatajiri. 6 Ubu ubwela no kulizika ni nyungu nini. 7 Kubela ntitwa menye chochose muliyisi. Kandi ntitwo shobola kutwala chochose kuva muliyisi. 8 Hanyuma yaho tushimishwe ni vyokudya ni myenda. 9 Ubu badya bazoba bafishe imali bazogwa muma gelagezo, mumutego. Bagwa mubujuju bwinshi ni vyipfuzo bibi, no mukintu chochose kituma abantu bibila mubibonona a bikabicha. 10 Kubela kukunda amahela alintango yibibi vyose abantu bipfuza iyo, balazimijwe kule yukwizera kandi bali chumishe benenyene kumubabalo mwinshi. 11 Aliko wewe muntu wimana hunga ivyo bintu. Kulikila ukuli, ubwela, ukwizera, ulukundo, kwihangana nukwitonda. 12 Gwana intambala nziza yukwizera. Fata ubuzima buta hela wahamagaliwe. Hali kubela ku kowantanze ubushuda imbele ya bashahidi benshi kulikidya kili chiza. 13 Ndakuhaye ili tegeko imbele yimana aliyo ituma ibintu vyose kubaho, ni mbele ya Yesu Klisto, yavuze bili mukuli kwa pontio pilato. 14 Bika itegeko neza chane, uta kekelanya kugeza aho umwami wachu Yesu Klisto azozila. 15 16 Imana izo kwelekana ukuza kwiwe mukihe kibeleye Imana, umuheza gigwa, inguvu yitandukanye, umutwale atwala, umwami alingola. Wenekusa niwe abaho ibihe vyose yikaye mumwanga utononwa. Nta muntu ashobola kumubona changwe kumuleba kwiwe ni habe ichubahilo nubushobola buta hela. Amina. 17 Babwile abatajiri muliyisi ntibishime, kandi ntibizigile ubwo butajiri, bwene sibwubuhakika. Hanyuma yaho, bashakigwa kwizigila Imana. Yo aliyo ituha ubutajiri bwose bwukuli kugila tunezegwe. 18 Babwile bakole vyiza, batunge mwikazi nziza, babe abagwaneza, no kwama biteguye kutanga. 19 Mulivyo nzila baloba basizeho intangonziza kubintu bizoza, kugila bati bashobole kufau kubaho kukwiliye. 20 Timoteo, lindo kidya chowahawe. Itandukanye nokuvugana ubulele no kuhalila kwipinga aliko kububeshi kwitwa ubwenge. 21 Abantu bamve balavuga ibi bintu, kubeluku balabuze ukwizera. Inema nibe hamwe nawe.