Yohana 15

3 None mwamaze kwezwa ni ijambo nababwiye, 4 mugume murinje nanje nzaguma murimwe kuko ishami ritari ku muzabibu ritoshobora kwera amatunda uko niko namwe mutashobora niba mutagumye muri njewe . 5 Ninjewe umuzabibu , namwe muri amashami . Uguma murinjewe nanje nkaguma muriwe , azera amatunda menshi , kuko niba ntari hamwe namwe , ndaco ashobora gukora . 7 Niba umuntu atagumye murinje atabwa hanze kuko amashami gatabwa , gakuma ,gagatorwakurwa gagatererwa mu muriro gagasha . 6 Ni muguma muri nje , na amagambo yanje gakaguma murimwe , musabe ico mushaka muzagihabwa . 8 Ni mwera amantuda menci , Data aza habwa icubahiro , namwe muzaba abigishwa banje . 9 Nkuko Data yankunze , nanje narabakunze . mugume murukundo rwanje . 10 Niba mwitondera amategeko ganje , muzaguma murukundo rwanje , Nkuko nitondeye amategeko ga Data , kandi nkaguma murukundo rwe . 11 Nababwiye ibi bintu , kugira ngo kwishima kwanje kube muri mwe kandi kwishima kwanyu gusohore . 12 Itegeko ryanje niri : Mukundane nkuko nabakunze 13 Ntabwo habaho urukundo ruruta urwo umuntu yatanga ubuzima bwe kubera incuti ze . 14 Muri inshuti zanje , niba mukora ico mbategetse . 15 Ntabwo nkirita kuko umukozi ntabwo amenya ico umukeresha akora , njewe nabitse inshuti kuko nabigishije bwose ibyo Data yanyigishije . 16 Ntabwo arimwebwe mwatoye ahubwo ni njewe nabatoye , nabashize ho kugira ngo mugende , mwere amatunda, kandi amatunda ganyu gagumw yo maze 17 ico muza saba Data mu zina ryanje azakibahe . Ico mbategetse nugukundana mwese . 18 Niba isi ibanga mu menye ko yanyanze mbere yanyu . 19 Yabaye muri ab'isi , isi yarigukunda abayo , ariko kuko mutari abisi kandi nkaba narabatoye hagati ya abisi , kubera iyo mpanvu isi irabanga . 23 Unyanze , ubwo yanze Data . 24 Iyaba , hagati yabo , ndarakoze imirimo itarigeze gukorwa n'umuntu numwe ,ndabwo bari kugira icaha , none baraibonye , ariko baranyanga , banga na Data . 25 Ariko , ibyo babaye ho , kugira ngo ijambo ryanditswe mumategeko gabo risohore : Baranyanze nta mpamvu . 26 Igihe umufasha , umwuka wukuri , ugo nzaboherereza guvuye kwa Data , guzaza , guzatanga ubuhamya bwanje ; 27 Kandi namwe muzatanga ubuhamya , kuko muri hamwe nanje kuva ku itangiriro .