Isura 8

1 Igihe yafungwiye ikimenyetso ca karindwi, mu juru habeyeho ituze nk'isaha n'igice. 2 Ubwo nabwenye bamalaika barindwi bahagareye hambere y'Imana, bahewe ingunga zirindwi. 3 Nuko uwundi mumalaika arija, ahagarara ku kibuye afite ifumba ry'izahabu, yahewe ibihumuraga kangari, kugira ngo abitambe, hamwe n'amasengesho g' intungane zose, ku gitwikiro c' izahabu kiri hambere y'intebe. 4 Umwotsi guriguhumura neza guriguturuka m'ukuboko kwa malaika guratarama gwija hambere y' Imana, hamwe n'amasengesho g' intungane. 5 Maze malaika w' Imana yafashe ifumba, ayujwizamo umuriro gwo mu gitwikiro, agiterera mu si. Nyuma yaho habeyeho amajwi, inkuba zirakubita, ziriguhinda, n'imirabyo, n'umutsitsi ku si. 6 Nuko bamalaika barindwi bari bafite za ngunga irindwi bitegura kuzipika. 7 Uwa mbere akipa ingunga. Habeyeho amahindure n'urubura bivanze n'amaraso, bitererwe ku si, nuko igice kimwe ca gatatu c'isi kiragurumira, igice kimwe ca gatatu c'ibiti naco kirasha kandi ibyatsi bibisi nabyo biragurumira. 8 Umumalaika wa kabiri apika ingunga. Nuko ikintu gisana n'umusozi munini kirikwakamo umuriro caterewe mu ingezi. Kimwe ca gatatu c'ingezi gihinduka amaraso. 9 Nuko kimwe ca gatatu c'ibyaremwe biri mu ngezi, byari bifite ubuzima birapfa, na kimwe ca gatatu c'ubwato burarimbuka. 10 Malaika wa gatatu, apika ingunga. Inyenyeri yakaga umuriro nk'igikongi iragwa iturutse mu juru, maze igwa kuri kimwe ca gatatu c'ingezi, n'imigezi n'amasoko g'amazi. 11 Izina ry'iyo nyenyeri ni Abisinte (umuharavumba); nuko na kimwe ca gatatu c'amazi naco gihinduka umuharavumba maze abantu barapfa, bazize amazi kuko gari gahindutse umushari.