Isura 42

1 Yakobo yayumvisize yuko ubahashi buri mu Misri, abaza abana be ngo nigiki kirigutuma murebana? 2 Kandi nanyumvisize yuko mu Misri hariyo ubushashi, ni murindimuke muduhahireyo tubeho tudapfa. 3 Beneshe wa Yozefu cumi bararindimuka baja guhaha ingano mu Misri. 4 Ariko Benyamini mwene nyina wa Yozefu, Yakobo atamutuma na bene she. 5 Abana ba Isiraeli baja guhaha nabandi kuko injara yaterire mu gihugo ci Kanani. 6 Kandi Yozefu niwe wari utweye igihugo co mu Misiri niwe wahahisaga abo muricho gihugo boshe. Bene she wa Yozefu baraja bamugikubita imbere bapfukamire. 7 Yozefu areba bene she arabamenya, arabakirengagiza ababwira nabi. Arababaza ngo muturakirehe? Baramusubiza ngo, duturukire mu gihugo ci Kanani tujire guhaha. 8 Yozefu amenya bene she ariko bo batamumenya. 9 Yozefu aba yayibuka za ndoto zo yaborotoreye arababwira ngo muri abanetsi mujire kuneka aho igihugo kidafite ingufu. 10 Baramusubiza ngo, ndo ariko biri, ahubwo abakozi bawe tuzenywe no guhaha. 11 Tweshe twavukenye turi abanyakuri, abakozi bawe ndo turi abanetsi. 12 Arababwira ngo: ndariko biri hubwo kuneka igihugo ahadafite ingufu ico cabazenye. 13 Baramusubiza ngo: abakozi bawe twavukenye turi cumi na babiri turi abana bumugabo umwe wo mu gihugo ci Kanani, uwanyuma yassigeye na data, uwundi yapfiye. 14 Yozefu arababwira ngo, ico nico nababwiye ngo muri abanetsi. 15 Kino nico kikabahakanire ndarahiye ubuzima bwa Farao, ndamukave hano umwana wenyu wa nyuma atajire. 16 Mutume umwe muri mwewe azanye mutoya wenyu namwe murafungwa amagambo genyu tugigeho niba muri abanya kuri. Niba bitabeye uco, ndahiye ubuzima bwa Farao muri abatasi, 17 Boshe abamaza mu prizo imisi ishatu. 18 Ku musi gwa gashatu Yozefu arababwira ngo, mugire guca mudapfa kuko nyubahaga Imana. 19 Niba muri abanyakuri ume wo mwavukenye, asigare afungiwe mu prizo, abandi mugende mujane ingano zo kubonera injara mu mago genyu. 20 Maze munzanire mutoya wenyu. Niho amagambo genyu gakamenyekane ko arag'ukuri, bigatemba mudapfa bagiruco. 21 Baragamba ngo nukuri turiho urubanza gwibyo twagiriye mwene data, kuko twabonye ko umutima gwe gwari gubabeye ubwo yatwingigaga natwe tutamumva nibyo biduteye kano kababaro. 22 Rubeni arababwira ngo: ndanababwwiye ngo mutakora ikosa kuri uwo mwana mukanga kunyumvira? Nico catumire amaraso ge gatugendaho. 23 Batamenyako Yozefu arikumva ibwo barikugamba, kuko yagambigwaga mu musemuzi. 24 Abatera umugongo abasigaho aja kurira agarukire aho bari abakuramo Simiyoni amufungira mu mesho gabo. 25 Yozefu ategeka ko babuzuriza ingano mu mifuka yabo, kandi ngo basubize ifeza ya mundu mumufuka gwe. Kandi mushahereze nimbamba babagirira guco. 26 Bshekesha indagoba zabo imihahanwa bavayo. 27 Aho bareye umwe muribo ahabwiye umufuka gwe ngo agaburire indagoba ye, iri mumufuka gwe. 28 Abwira bene she ngo, ifeza uanje irangarukiye reba irimumufuka gwanje, baratinya barebana barigutitiza ngo, ibi nibiki byo Imana idukoreye? 29 Bagerire kuri she Yakobo mugihugo ci Kanani bamubwira ibyo babeyeho ngo. 30 Umugabo ukomeya utwaraga ico gihugo yatubwiye nabi arikutekereza yuko turi abanetsi bari kuneka. 31 Natwe turamubwira ngo turi abanyakuri, ndoturi abanetsi. 32 Turi bene nyina turi cumi n'ababiri dusangiye tate umwe, umwe yapfiye, uwanyuma yasigarenye na dada mu gihugo ci Kanani. 33 Uwa mugabo ukomeye utwaraga ico gihugo aratubwira ngo iki nico kikambwire ku muri abanyakuri ni munzigira mwene nyoko umwe, mujane ibyo kubamara injara mu ngo zenyu mudegende. 34 Munzanire mutoya wenyu, nihongammenye ko ndomiri abanetsi ahubwo ko muri abanyakuri nanje ngabohe mwene sho kandi ngabahe uruhusha rwo kuja hoshe ho mushaka mu Misri. 35 Babasukira ibyo mumifuka yabo babona igipfunyika ca makuta cu mundu weshe babonye ibipfu nyika byabo baratinya. 36 She Yakobo arababwira ngo: mungirire injike: Yozefu yapfiye Simeoni yapfiye, nene kandi mushakire kunguraho na Benyamini ibyo byoshe ni nyewe bibeyeho. 37 Rubeni abwira she ngo, ndamukugaruriye ijee kwita abahungu banje bombi mumbereze ndamugisha ngiye ngamugarure. 38 Aramusubiza ngo, umwana wanje ndakajane namwe kuko mwene nyina yapfiye akaba asigeye yenyine mumujane akagira ikibazo mu rugendo mwotuma njaja nabi ngapfana agahinda.