Igiche 1

1 Kela haliho Jambho, kandi Jambho yalikumwe n' Imana, ikindi Jambho yal' Imana. 2 Uwo Jambho, kela yalikumwe n' Imana. 3 Ibhintu vyosi vyalemewe muliwe, nta kintu na kimwe kitavanye nawe. 4 Muliwe halimw' ubhugingo, kand' ubwo bhugingo nibwo bwal' umucho w' abahntu bhosi. 5 Uwo mucho wasesekalila mu mwiza, kand' umwiza ntiwashobhoye kuwuzimya. 6 Umuntu yitwa Yohana yatumwe n' Imana. 7 Yaje kubh' umushingantahe wo kuvuganila wa mucho, kugila bhosi bhabvyizele bhichiliye muliwe. 8 Yohana ntiyal' uwo mucho, ahubwo yazanwe kuza kuwuvuganila. 9 Kuk' umucho nyakuli wali munzila uza mwa yinosi kandi niwo ushobhola kumulikila bhul' umuntu. 10 Yahoze mwayinosi, kandi niwe yalemy' isi, alikw' isi ntiyamumenye. 11 Yaje kubhilemwa vyiwe, alikw' abhiwe ntibhamwakiliye. 12 Aliko kuli bhadya bhenshi bhamwakiliye, abhizey' izina dyiwe abho yabhahaye kwitw' abahana bh' Imana. 13 Abha sibhadya bhavyawe n' amalaso, chankw' ugushaka kw' umubhili, chankwe gushaka kw' umuntu, ahubwo bhavyawe n' Imana. 14 Kandi lelo Jambho yambhay' umubhili maz' alaza kwibhela muli twebwe, twibhonel' ubwiza bwiwe, kand' ubwo bwiza bwali nk' ubw' umunt' atameze nk' abhandi amanuk' ava kwa Data, yuzuy' ubhuntu n' ukuli. 15 Yohana yalamuvuganiye ashil' ijwi hejul' ati ''Uwu ni wawundi navuga kuvyiwe, chagihe nabhabwila nti 'Uwuzoza hanyuma yanje niwe mukulu kunduta njewe, kuko yabhayeho ntalabheho''. 16 Kuko mul' ubwo bwuzule bwiwe twesi twakiliy' ubhuntu k' ubhuntu kand' atacho dutanze. 17 Kand' amategeko yazanwe bhichiliye muli Mose, alik' ubhuntu hamwe n' ukuli vyaje bhichiliye muli Yesu Kiristo. 18 Nta muntu bhutu yigeze kubhon' Imana nalimwe. Alikw' umwe gus' aliwe Mana, kandi yama mugatuntu kwa Data niwe wenyene ya muhishuye. 19 Uku nikwo Yohana yishuye chagih' abhahelezi hamwe n' abhalewi bhatumwe n' Abhayuda kumubhaza bhati ''Wewe wobh' ulinde?'' 20 Atitangiliye, kandi atabhihakanye yalabhishuy' ati ''Njewe sindi Kiristo''. 21 Bhongela kumubhaza bhati ''None wewe wobh' ulinde? Uli Eliya? Alabhishul' ati ''Oya si ndiwe''. Bhalabhaza bhati ''''Wewe ul' Umuvugishwa?'' Alabhishul' ati ''Oya''. 22 Maze bhalamubwila bhati ''None wewe ulinde kugila tubhon' ukwo twosubhiza bhadya bhadutumye''? Wivuga gute? 23 Alavug' ati ''Njewe nd' ijwi dy' uwusemelela mubhugalagwa: Ni mugolol' inzila y' Umwami, nkuko vyavuzwe na Yesaya Umuvugishwa.'' 24 Hadya halih' abhantu bhali bhatumwe n' abhafarisayo. Bhalamubhaza bhati 25 ''None ko wewe utali Kiristo chankwe Eliya, chankw' Umuvugishwa, ni kubheliki ubhatiza? 26 Yohana yalabhishuy' ati ''Njewe mbhatiza mu mazi, aliko hagati muli mwebwe hahagaz' uwo mutameny. 27 Uwo niw' azoza munyuma yanje. Sinemelewe no guhambhulul' imigozi y' ibhilato vyiwe''. 28 Ivyo vyakolekey' Ibetaniya, hakudya ya Yorodni aho Yohana yabhatiliza. 29 Kumubhagwa wakulikiyeho Yohana yabhonye Yesu alikw' alaza maz' alavug' ati '' Nimulabh' umwana w' intama yikoley' ichaha cha yinosi! 30 uwo niwe nabhabwiye mvuga nti ''Udy' azoz' inyuma yanje niwe mukulu kuli njewe, kuko yaliho ntalabheho' 31 Sina mumenya , aliko vyabhaye bhityo kugil' amenyekane mul' Isirayeli, yuko naje mbhatiza mu mazi.'' 32 Yohana alabhabwil' ati ''Nabhonye Mpwemu Yela amanuk' ava mwijulu ameze nk' inuma, amugumako. 33 Njewe sinamumenye aliko niwe yandugiche kubhatiza mu mazi , yambwiy' ati '' Udya uwo uza kubhona Mpwemu Yela amumanukiye, uwo niw' abhatiza muli Mpwemu Yela. 34 Nabhibhonye kandi ndavyemeza yuk' uwo alaiwe Mwana w' Imana 35 Kandi kumubhagwa wakulikiyeho Yohana yalikumwe n' abhigishwa bhiwe bhabhili, 36 bhabhonyeYes' agendagenda; maze Yohana alabhabwil' ati ''Ni mulabh' Umwana w' intama w' Imana.'' 37 Abhigishwa bhabhili bhumvishije Yohan' avug' ayo majambho bhacha bhakulikila Yesu. 38 Maze Yes' abhabhonye alahindukil' abhabwil' ati ''Mushak' iki? Bhala mwishula bhati ''Rabhi(Lisobhanuye ngo Mwigisha) ubha hehe?'' 39 Alabhabwil' ati ''Ni muze mwilabhile'' . Maze bhalagenda bhalahabhona , kandi bhiligwana nawe kuko hali kugihe nk' isaha ichumi. 40 Umwe muli bhadya bhabhili bhumvishije Yohana bhagakulikila Yesu yali Andereya mwenewabho wa Simoni Petero. 41 Abhona Simoni mwene nyina alamubwil' ati ''Twabhonye Mesiya''(Bhisobhanuye ngo Kiristo). 42 Amuzana kuli Yesu . Yes' alamulabha maz' amubwil' ati ''wewe uli Simoni mwene Yohana kandi wew' uzokwitwa 'Kefa'(Lisobhanuye Petero)'' 43 Ku mubhagwa wakulikiye Yesu yashaka kugend' Igalilaya, yahuye na Filipo maz' amubwil' ati ''Nkulikila'' 44 Filipo nawe nyene hyava Ibetisayida umuji wa Andereya na Petero. 45 Filipo yagiy' ahula na Nataniyeli alamubwil'ati ''Twalonse wawundi twandikigwa na Mose mu Vyagezwe hamwe no mubhavugishwa. Yesu mwene Yozefu, w' Inazareti. 46 Maze Natanayeli alamubhaz' ati ''Bhudya ikintu chiza choza kiv' Inazareti? Filip' alamwishul' ati ''Wewe nuze wilabhile'' 47 Yes' abhona Natanayeli alikw' alaza kuliwe maz' alavug' ati ''Labh' Umuosirayeli nyakuli atagil' ubhudyadya mu mutima wiwe''! 48 Natanayeli alamubwil' ati ''Wamaze kumenya njewe? '' Yes' alamubwil' ati ''Igihe Filipo yaguhamagala wichaye musi y' igiti nakubhonye''. 49 Natanayeli yishul' ati ''Rabhi wewe ul' Umwana w' Imana! Wewe niwe Mwami wa Isirayeli!'' 50 Yes' alishul' ati ''Kuko nakubwiy' ati nakubhonye munsi y' igiti , uchiye wizela? uzobhon' ibhikomeye bhisumbh' ibhi'' 51 Yes' alavug' ati Nimwizele , nimwizele, ndabhabwile neza yuko muzobhon' ijulu dyuguluche, abhamalayika bhamanuka bhaduga hejulu y' U,mwana w' Umuntiu''